Uko wahagera

Burundi: Uruhara rw'Abanyepolitike muri Kamarampaka Rurongana Gute?


Ikarata y'Uburundi
Ikarata y'Uburundi

Umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu Burundi aributsa ko abanyepolitike bazoba bafise uburenganzira bwo kwigisha gutora Ego canke Oya ku bijanye n'ibwirizwa shingiro ico gihe kigeze kandi ko ata n’umwe azoba afise uburenganzira bwo kubibabuza. Yabishikirije kuwa gatatu mu nama n’abarongoye imigambwe. Iyi nama iba inyuma ya buri mezi atatu.

Bamwe mu barongoye imigambwe babajije ibitari bike muri iyo nama na cane cane vyerekeye ikiringo c’amatora y’ibwirizwa shingiro yimirije. Muri ivyo harimwo nimba Reta izofasha abahagarariye imigambwe ku biro vy’amatora.

Ku bijanye n’inyambaro mu myiyamamazo, Prosper Ntahorwamiye ajejwe ivyo kumenyesha amakuru mu murwi CENI yari yitavye iyo nama yamenyesheje ko itegeko rigenga imyiyamamazo rirekura abazokwiyamamaza kwambara ivyambarwa biranga imiryango yabo ya politike.

Kwiyamamariza ibwirizwa nshingiro bitegekanijwe gutangura kw’igenekerezo rya mbere birangire kw’igenekerezo rya 14 ukwezi kwa gatanu uno mwaka w'i 2018.

Umumenyeshamakuru w'Ijwi ry'Amerika i Bujumbura, Evariste Nzikobanyanka yarakurikiranye iyo nama.

please wait

No media source currently available

0:00 0:03:44 0:00

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG