Uko wahagera

Amerika Itewe Impungenge na Kamarampaka mu Burundi


Youths, who covered themselves in silver paint to become 'manusia silver' (silvermen) to make a living, laugh as they ride on the back of a truck in Jakarta, Indonesia.
Youths, who covered themselves in silver paint to become 'manusia silver' (silvermen) to make a living, laugh as they ride on the back of a truck in Jakarta, Indonesia.

Deparitema ya Reta muri Reta zunze ubumwe za Amerika itangaza ko itewe impungenge n’amatora ya kamarampaka ategekanijwe kw’igenekerezo rya 17 z’uku kwezi kwa gatanu mu Burundi.

Mw’itangazo yayo y’uno musi, Amerika yavuze ko ihinyanyurwa ry’ibwirizwa shingiro mu Burundi rije kugwiza n’ubusa ibiringo ntabanduka umukuru w’igihugu atabwirizwa kurenza ku butegetsi mu Burundi, kandi ko umugambi wo guhinyanyura ibwirizwa nshingiro unyuranye n’amasezerano ya Arusha.

Muri iryo tangazo, Deparitema ya Reta y’Amerika ibandanya isigura ko abiyumviriye uwo mugambi wo guhindura ibwirizwa nshingiro mu ntumbero yo kuguma ku butegetsi bariko basubiza inyuma intwaro ya demokarasi mu Burundi.

“ Turiyamirije iterabwoba, ihohoterwa no kuzivya abadashigikiye ko ibwirizwa shingiro rihindurwa mu Burundi .” Uko ni ko iryo tangazo rihamagarira Reta kubahiriza uburenganzira bwa kiremwa muntu mu gushikiriza ivyiyumviro ribandanya rivuga.

Departema ya Reta y’Amerika yibutsa Reta y’Uburundi ko uburenganzira n’uruhara rw’abipfuza kugira ico bahimirije muri kamarampaka yo kuri uno wa 17 bitegereza kungana.

Amerika isozera ivuga ko yiteguye kubandanya ikorana n’Uburundi mu ntumbero yo gutsimbataza amahoro, iterambere rirama no gukomeza umutekano.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG