Uko wahagera

Umugambwe Mushasha wa Agathon Rwasa Wemewe


Umushingamateka Agathon Rwasa atavuga rumwe na Reta y'Uburundi

Ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu c’Uburundi kuri uno wa kane bwarekuriye umugambwe, Congrès National Pour la Liberté CNL mu mfunyafunyo, w’umunyapolitike atavuga rumwe na Reta Agathon Rwasa gukorera ku mugaragaro.

Umushingamateka Agathon Rwasa agisaba gutanguza umugambwe mushasha yari yashatse ko witwa FNL-Amizero y’Abarundi ariko ubushikiranganji bumwankira buvuga ko ata migambwe igira amazina ashusha.

Mu kiganiro umushingamateka Agathon Rwasa yagiranye n'umumenyeshamakuru w'Ijwi ry'Amerika i Washington, Diane Nininahazwe, yavuze ko naho hataragera ko bimenyekana bibaye ngombwa ata cobuza umugambwe CNL gukorera mu nani.

please wait

No media source currently available

0:00 0:07:28 0:00

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG