Uko wahagera

Rwasa Yongeye Gusaba ko Umugambwe Wiwe Wemererwa Gukora


Umushingamateka Rwasa
Umushingamateka Rwasa

Umushingamateka Agathon Rwasa yatangaje kuri uno wa mbere ko atemera ingingo y’ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu c’Uburundi imwankira gushinga umugambwe FNL-Amizero y’Abarundi.

Naho atashimye gutomora ibiri mw’ikete yazindukanye ahakorera ubwo bushikiranganji, Rwasa yabwiye Ijwi ry’Amerika ko ibirimwo ari ahanini umuco ku makenga y’ivyari mu ikete yandikiwe kw’igenekeerezo rya 8 ukwezi kwa 11 rimumenyesha igituma umugambwe wiwe utemerewe gukora.

Mu kiganiro yahaye Ijwi ry’Amerika ahejeje gutanga iryo kete, Rwasa yavuze ko atemeranya n'ivyagiriji vy'uko yahonyanze amategeko haba mu gutora izina ry’uwo mugambwe canke ibimenyetso. Asigura ko ata mugambwe n’umwe witiranwa n’uwo yipfuza gushinga kuko indome umuntu iyo ashinga umugambwe azipanga uko ashatse.

Bimwe mu vyo ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu c’Uburundi bwagirije Rwasa, harimwo izina, ibimenyetso, amabara n’icivugo bishusha n'ivy'umugambwe FNL uramutswa Jacques Bigirimana.

Igihe umugambwe FNL uramutswa na Jacques Bigirimana witwara uvuga ko Agathon Rwasa yawutwaye amazina n’ibimenyetso, Rwasa yasiguriye Ijwi ry’Amerika ko ataho bihuriye kuko FNL ya Bigirimana isigura "Forces Nationales de Libération", FNL Amizero y’Abarundi ya Rwasa nayo igasigura “Front National Pour la Liberté”.

Muri kahise k’ Uburundi hari imigambwe yagiye iremerewa gukora ishusha amazina n’iyo yiyonkoyeko. Akarorero ni FRODEBU-Nyakuri iragi rya Ndadaye yemerewe gukora inyuma yo kwiyonkora kuri Sahwanya-FRODEBU mu 2008. Iyo migambwe uko ari ibiri isangiye amazina, igicapo c’isaki n’indamutso y’igipfunsi kiraba hejuru.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG