Uko wahagera

Amizero y'Abarundi Ntiyemera Ivyavuye muri Kamarampaka


Agathon Rwasa
Agathon Rwasa

Mu rwandiko rw’impapuro zitatu Agathon Rwasa arongoye urunani Amizero y’Abarundi yashize ahabona kuri uno wa gatanu, yemeje ko amatora ya kamarampaka yaranzwe n’utunenge tutari duke.

Tumwe mu tunenge Rwasa atangako akarorero ni abanywanyi b’Amizero y’Abarundi batawe mu mvuto bahorwa kuba bavuze ko bazokwigisha oya, mu gihe hari n'abaterwa ubwoba ko baramuste bakotesheje imiduga yabo mubaja kwigisha oya izoturirwa.

Umushingamateka Rwasa yemeje ko ku musi w’itora bamwe mu banywanyi b’Amizero y’Abarundi bari ku ntonde z’abakurikirana amatora bazivanyweko, abandi birukanwa ahariko habera amatora mu gihe hari n’abategetswe ivyo batora. Rwasa yemeje ko hari amajwi ya Oya yahindurwamwo Ego.

Prosper Ntahorwamiye avugira umurwi ujejwe gutegura amatora ku rwego rw’igihugu, CENI, arahakana ivyo vyagiriji vy’Amizero y’Abarundi. Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru ku musi wa gatanu Ntahorwamiye yavuze ko amatora yagenze neza.

Agathon Rwasa yasozereye urwandiko rwiwe asaba ko amatora y’ibwirizwa nshingiro yosubirwamwo.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG