Uko wahagera

Burundi: Abantu Icenda Bafunzwe Bazira Kamarampaka


Itora rya kamarampaka ryabaye tariki ya 17 y'ukwa gatanu 2018
Itora rya kamarampaka ryabaye tariki ya 17 y'ukwa gatanu 2018

Sentare nkuru y’igihugu ya Muha yaciriye mu rubanza rw’ikibiriraho umunyororo uri hagati y’iminsi 15 n’imyaka ibiri n’ihadabu abantu icenda bafashwe bagirizwa guhungabanya amatora yo kwemeza canke guhakana Ibwirizwa Shingiro rihinyanyuye. Mu gihe bamwe bagirizwa gutabura ikarata y’itora abandi bakagirizwa gushaka gutora kabiri, harimwo umwe yafaswe ari arakizura afise umupanga mu Ruziba, zone Kanyosha yemereye sentare ko ari mu murwi w’imbonerakure.

Muri abo icenda, umunani bafashwe kuri uyu wa kane ku mun=si w’amatora ya kamarampaka umwe nawe yafashwe isaha umunani z’ijoro buca ari amatora afatirwa mu Ruziba ariko arakizura afise umupanga. Augustin Ndayizeye yagirijwe kwitwaza ikigwanisho mu gushaka guhungabanya amatora yabwiye sentare ko yari mu murwi w’imbonerakure urongowe n’uwitwa Nzosaba bariko bakizura buca haba amatora kugira ntihagire abayatoba canke bahungabanye umutekano. Sentare imaze kumwereka ko umutekano ucungerwa n’abapolisi hamwe n’abasirikare bamuciriye umunyororo w’umwaka umwe n’ihadabu y’amafaranga ibihumbi amajana 2 .

Eddy Nzeyimana yari umurorezi w’amatora k’ubw’urunani Amezero y’Abarundi muri zone kanyosha yaciriwe umunyororo w’imyaka 2 n’ihadabu y’amafaranga ibihumbi amajana umunani na sentare nkuru y’igihugu ya Muha yagirijwe gukoresha urupapuro rw’impimbano no guhungabanya amatora. Ivyaha we yamirira kure m’uguta amakosa kubamuretse ngo acungere amatora kandi babona ko urupapuro afise rutatanzwe n’umurwi ujejewe amatora CENI .

Jean Sabushimike nawe yaciriwe umunyororo w’impaga w’umwaka umwe yagirijwe guhungabanya amatora mu kwihanaguza irangi ryo ku rutoke k’umukozi yarajejwe gutunganya amatora amukojeje urwo rutoke kw’itama. Uyo we yari yabwiye sentare ko vyabaye nk’isanganya atabikoze k’ubushake mbere anabisabira imbabazi nkuko yari yabikoze kuri uyo yabikoreye naho yaciye atabwa muri yompi.

Abandi sentare yahanye ni abagabo bane bose bagirijwe gushaka kosha abandi bantu ico bari gutora. Salvator Butoyi, Patrick Nkeshimana,Serges Ndikumanana Eric Niyizonkiza bahagaritswe kuko batabuye ikarata y’itora. Abo nabo sentare ya Muha yabaciriye umwe umwe umunyororo w’umwaka n’ihadabu y’amafaranga y’amarundi ibihumbi 400 ariko bo bari basavye ko sentare yo beza kuko babikoze mu kutamenya mugihe bwari ubwambere bitabira amatora.

Mike Nimfasha yagirijwe gushaka gutora kabiri kuko yafatanywe ikarata zitora zibiri naho yatoye rimwe yahanishijwe umunyororo w’iminsi 15 n’ihadabu y’amafaranga ibihumbi amajana abiri,uyu yafatiwe mu Ruziba we yavuze ko ikarata ya kabiri yayizaniwe n’umuntu kuko yumvise bamusomye ni mugihe we yari yasubiye kwiyandikisha aho yari y’imukiye kugira aze atorere hafi ari naho yatoreye.

Eka na Regis Ahishakiye yafashwe yagirizwa gushaka gutora kabiri. Uyu we yari indorerezi y’Amizero y’Abarundi yireguye avuga ko ahakana icaha akemeza ko yatoreye mu ntara ya Kirundo kugapapuro recepisse kubera yari umuchauffeur w’umushingamateka kandi ikarata y’itora yari yayibagiriye mu gisagara ca Bujumbura. Abwiwe ko ari mu ndorerezi z’amatora Ahishakiye yahisemwo ku manuka mu gisagara ca Bujumbura kugira apfume akwirikirana igikorwa co guharura ivyavuye mu matora kuko yasanze ivyo gutora vyarangiye ariho yaca ahagarikwa. Sentare yamuciriye ihadabu y’amafaranga ibihumbi amajana ane naho we yahakanye icaha yagirizwa.

Kiretse abo cenda ejo nyene ku wa kane sentare nkuru y’igihugu ya Mukaza yahanishije umunyororo w’impaga w’amezi atatu Lambert Harerimana ku caha co gutora kabiri.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG