Uko wahagera

HRW Isabira Ibihano Bamwe mu Bategetsi b’Abarundi


Lewis Mudge, umuyobozi wa HRW mu karere ka Afrika yo hagati.
Lewis Mudge, umuyobozi wa HRW mu karere ka Afrika yo hagati.

Ishirahamwe Human Rights Watch ryitaho agateka ka zina muntu risaba akanama ka ONU kajejwe amahoro n'umutekano kazokorana kuri uno wa gatanu ku kibazo c'Uburundi gufatira ibihano abategetsi bagirizwa guhohotera abatavuga rumwe n'ubutegetsi.

Mu cegeranyo iryo shirahamwe ryaraye risohoye ryerekana ihohoterwa rikorerwa abatavuga rumwe n'ubutegetsi cane cane abo mu mugambwe CNL wa Agathon Rwasa.

Human Rights Watch yemeza ko abantu batavuga rumwe n’ubutegetsi canke abikekwa kubugwanya baharurwa mw’ijana bahagaritswe canke barakubitwa bongera barabura irengero kuva mu matora ya kamarampaka yo mukwa gatanu umwaka uheze.

Abatungwa agatoki ni bamwe mu bategetsi n’urwaruka rw’umugambwe uri ku butegetsi.

Iryo shirahamwe ryemeza ko ibintu vyagiye kunyuka kuva mu kwezi kwa kabiri uyu mwaka aho hemererewe umugambwe mushasha CNL wa Agathon Rwasa.

Human Rights Watch isigura ko urwaruka rw’imbonerakure ruhohotera abanywanyi ba CNL mu ntara cumi n’umunani z’Uburundi kandi ko abagirizwa amabi batigera bakurikiranwa n’ubutungane.

Lewis Mudge atwara iryo shirahamwe ku mugabane wa Afrika agira ati: "Ubugizi bwa nabi butumwa n’ukudahana mu Burundi kandi ibishingantahe twafatiyeko ni bike cane ugereranije n’ibiba ku rubuga”.

Abandanya avuga ko bamwe mu bajejwe intwaro mu nzego z’ibanze n’imbonerakure bakomeza iterabwoba mu banyagihugu ata camira bitewe n’uko ata binyamakuru vyigenga n’amashirahamwe yigenga bihari.

Human Rights Watch imemyesha ko yaganiriye kuri telephone n’abantu 33 bakorewe amabi, incuti z’abahohotewe n’ivyabona mu ntara za Bubanza, Cibitoke, Gitega, Karusi, Kirundo, Muramvya, Muyinga, Ngozi, Rumonge no ku mugwa mukuru w’ubutunzi Bujumbura hagati y’ukwezi kwa kabiri n’ukwa gatanu uyu mwaka.

Mu kwa gatanu iryo shirahamwe ryongerako ko ryivuganiye n’abantu 30 bahunze Uburundi kubera kamarampaka y’umwaka uheze.

Kuva mu kwezi kwa mbere 2019, Human Rights Watch ivuga ko n’imiburiburi yatohoje ku bantu batatu bishwe, bane baburiwe irengero na 24 bahagaritswe hadakurikijwe amategeko. Abo bose bari abatavuga rumwe n’ubutegetsi.

Ishimangira ko abahinga bayo ariko batashoboye kuronka ivyemezo bihagije ku bandi bantu bababa ijana bakorewe ayo mabi n’ubwo bari bahawe ivyagiiriji bifashe.

Human Rights Watch ikababazwa no kubona ikete yandikiye Leta kuwa 3 uku kwezi iyisaba kugira amatohoza kuri ayo mabi no guhana abayagirizwa ritigeze ryishurwa.

Ikindi iryo shirahamwe risigura n’uko abanywanyi batari bake bahoze ari aba FNL ubu yahindutse CNL bahunze inyuma ya kamarampaka y’umwaka uheze babitewe n’ugutegekwa kuja mu mugambwe uri ku butegetsi hamwe no guterera amatora ku nguvu.

Human Rights Watch inagaruka kuco yita abajejwe umutekano bata umurongo bakivanga mu vya politike.

Akarorero itanga ni aka komiseri w’igipolisi mu ntara ya Muyinga Jerome Ntibibogora yavugiye mu nama y’umutekano ku wa 27 ukwezi kwa gatatu i Kizi muri komine Gasorwe ko azozimanganya imiryango y’aba CNL azosanga mw’ijoro iriko ikorerwamo amanama.

Bimwe mu bihano HRW isaba ni ugufata amatungo y’abategetsi bagirizwa amabi bafise hanze y’Uburundi no kubima impusha zo kujabuka imbibe.

Mu gihe ako ka nama ka ONU kazokwiga ku kibazo c‘Uburundi kuri yu wa gatanu, Human Rights Watch yemeza ko umwitwarariko wako kuvyerekeye Uburundi wagiye ugabanuka muri iyi myaka ishize kandi ibintu ku rubuga vyakomeje kunyuka.

Leta isigura ko iki cegeranyo kiri mu murongo umwe n'ivyabaye kuva muri 2015 ikagiriza amashirahamwe mpuzamakungu amwe amwe gushaka gusenyura inzego.

please wait

No media source currently available

0:00 0:04:43 0:00

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG