Uko wahagera

Habuze Iki ngo Abanyepolitike mu Burundi Bihanganirane?


Umuhuza w'Abarundi Edouard Nduwimana
Umuhuza w'Abarundi Edouard Nduwimana

Urwego rw’umuhuza w’Abarundi ruvuga ko rutewe umutima uhagaze n’ukutihanganirana mu banyepolitique kuriko kuribonekeza muri ino minsi mu Burundi.

Umuhuza Edouard Nduwimana asaba ko abatosekaza umubano boshengezwa mu butungane. Ako kamo Nduwimana agateye mu gihe umugambwe CNL urongowe n’icegera c’umukuru w’inama nshingamateka, Agathon Rwasa, ukomeje kuvuga ko abanywanyi bawo bakorerwa itotezwa ririmwo uguturira ingoro zawo.

Hambavu y'iyo ngoro ya CNL mu ntara ya Bujumbura yaturiwe, n'iyo mu mugambwe CNDD-FDD uri ku butegetsi mu ntara ya Bubanza yarasambuwe n'abantu bataramenyekana.

Urwaruka rwo mu mugambwe CNDD FDD ruri mu rukunze gutungwa agatoke mu bikorwa vyo guhungabanya abanywanyi b'iyindi migambwe. Ariko uwujejwe gutanga amakuru muri uwo mugambwe Nancy Ninette Mutoni arabihakana nyabuna akavuga ko n’uko kwihanganirana atakuriho.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG