Uko wahagera

Abayoboke 4 ba Agathon Rwasa Barapfunzwe mu Ntara ya Bubanza


Agathon Rwasa ayoboye Amizero y'Abarundi
Agathon Rwasa ayoboye Amizero y'Abarundi

Ifatwa ry’aba FNL bayoboka umushingamateka Agathon Rwasa riravugwa mu ntara ya Bubanza turi mu burengero bw’Uburundi.

Bane bo ku Mutumba Gihungwe wa komine Gihanga barahagaritswe n’igipolisi mw’ijoro ryo kur’uyu w’Imana nk’igihe c’isaha zitatu baca baja gufungirwa mu gasho k’igipolisi ku murwa mukuru w’iyo komine.

Mu gipolisi i Gihanga amakuru avayo avuga ko abo bagabo bane bo mu Mizero y’abarundi bafashwe kuko bari bamye mu nama itemewe n’amategeko.

Ivyo uwuserukira abigenga Mizero y’abarundi mu ntara ya Bubanza atemera. Alexis Manirakiza avuga ko ifatwa ry’abo bantu ritemewe n’amategeko kuko ryabaye mw’ijoro, bakuwe mu miryango y’abo, kandi ko iyo nama itigeze iba.

Uwo serukira abigenga mizero y’abarundi agasaba ko abo bantu borekurwa kuko bariko bazira ivyiyumviro vy’abo vya politike.

N’umushingamateka Agathon Rwasa arongoye Bigenga Mizero y’abarundi ariyamiriza ifatwa agasakisaki ry’abanywanyi biwe. Akavuga ko ibwirizwanshingiro riha buri murundi kwishira n’ukwizana mu gihugu ciwe.

Ivyo bir’uko mu gihe ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu bubicishije ku mwunganirizi akaba n’umuvugizi w’abwo avuga ko ata mu ntu wo mu bigenga afise uburenganzira bwo gukora amanama. Terence Ntahiraja asigura ko inani ziherana n’amatora.

Umumenyeshamakuru w'Ijwi rya Amerika, Evariste Nzikobanyanka:

please wait

No media source currently available

0:00 0:03:56 0:00

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG