Uko wahagera

Burundi: Zimwe mu Ndongozi z'Umugambwe CNL mu Minwe ya Polisi


Agathon Rwasa umukuru w'umugambwe CNL
Agathon Rwasa umukuru w'umugambwe CNL

Mu Burundi uwutwara umugambwe CNL muri komine Buhiga intara ya Karusi yaraye ahanishijwe umunyororo w'imyaka itanu na sentare nkuru y'iyo ntara.

Etienne Ndayizeye yaburanishijwe mw’ijoro ryo kuri uyu wa kane mu ntahe y’icese y’ikibiriraho muri sentare nkuru ya Karusi hagati na hagati hashira ubuseruko bw’igihugu.

Uwo munyamabanga w’umuagmbwe CNL muri komine Buhiga yari yahagaritswe ku musi wa gatatu mu gitondo i muhira iwe ku mutumba wa Shanga ahazwi nko ku kamahoro. Uwo musi igipolisi cagiye kumusaka kihasanga grenade, imyambaro y’igipolisi n’ibikono bibiri vy’amasasu kandi vyuzuye.

Ivyo vyafatiwe musi y’igiti c’ivoka inyuma y’isakwa ryabaye mu nzu iwe ariko igipolisi kibura ikintu kitemewe kihatora.

Umwe mu bari bahari agira ati « Ni nkaho igipolisi cari kije gutora ibintu cabitse. Abapolisi berekeje aho hantu vyari nk’ukumengo bari bahazi. Ikindi nta rume na rukeya rwari kuvyafashwe, vyaraboneka ko ari umuntu yabihateretse mu kanya gato imbere y’uko igipolisi gishika »

Ndayizeye yujuje igitigiri c’indongozi zitandatu za CNL muri Karusi zimaze guhanishwa umunyororo muri uyu mwaka, harimwo uwahoze awutwara mu ntara. Babiri muri bo bagirijwe icaha kimwe nawe co gutunga ibigwanisho batabifitiye uruhusha.

Muri iyi ndwi kandi mu ntara ya Rumonge mu bumanuko bushira uburengero harafashwe uwutwara umugambwe CNL muri komine Buyengero. Kuva ku musi wa kabiri, Celestin Niyongabo afungiwe mu gasho ka komisariya y’igipolisi ku mugwa mukuru w’intara.

Igipolisi cavuze ko ahagaritswe ku mvo z’amatohoza,ariko Obed Ntakiyiruta atwara umugambwe ku rwego rw’intara amenyesha ko ayo matohoza atawigeze yerekana icafatiyeko.

Bamwe mu banyagihugu baba ahafatiwe Niyongabo bakeka ko yoba yazize urugendo Agathon Rwasa umukuru w’umugmbwe CNL yagize ku wa Mungu uheze i Buyengero. Bamwe mu bajejwe intwaro boba bavuze ko ibikorwa yakoresheje bitari vyasabiwe uruhusha. Mugabo uwutwara umugambwe mu ntara avyamirira kure akemeza ko inzego zose zibijejwe zari zabimenyeshejwe.

Kuri uyu wa kane naho i Bururi mu bumanuko hahagaritswe uwutwara CNL muri komine Rutovu. Felix Nduwimana yaciye ajawa gufungirwa mu gasho k’igipolisi aho mu Rutovu. Yoba yagirizwa kuba yaranse kwitaba umutahe w’umushikirizamanza mu ntara ya Bururi.

Amashirahamwe yigenga y’abarundi amwe amwe, ayo mu karerehamwe na mpuzamakungu harimwo Human Rights Watch riharanira ubwigenge bwa kiremwa muntu yemeza ko abanywanyi b’umugambwe CNL wa Agathon Rwasa , icegera ca mbere c’umukuru w’inama nshingamateka bakorerwa ihamwa kandi bari mu bakomeza guhunga igihugu n’ubwo hari impunzi ziriko zitahuka ku bushake bwazo.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG