Uko wahagera

Umugambwe CNL Mu Burundi Uragiriza CENI Kuwuburabuza


Agathon Rwasa, umukandida w'umugambwe CNL

Umugambwe utavuga rumwe n'ubutegetsi mu Burundi CNL wagiriza umugwi utegura amatora CENI kuwuburabuza muri kino gihe co kwitegurira amatora.

Uwo mugambwe uvuga ko CENI iriko ihonyanga ingingo zimwe zimwe z’ibwirizwa nshingiro n’ibwirizwa rigenga amatora.

Ivyo biri mu itangazo uwo mugambwe wasohoye ryasomwe na Therence Manirambona awuvugira.

Uwo mugambwe utanga akarorero k'intonde z'abitoza mu kibanza c'abashingamateka n'abajenama b'amakomine bankirwa kwakirirwa amadosiye, bagasabwa kubanza guhabwa impusha n'abatwara imigwi ya CENI mu ntara kandi atariko amategeko abivuga.

Yanagarutse ku ngingo ya bulamatari w’intara ya Muyinga aherutse kwankira umugambwe CNL kugirisha amakoraniro amenyesha ko muri kino gihe inzego zose harimwo n’abajejwe umutekano ziriko zitwararika ibijanye no kugwanya ikiza c’umugera wa corona.

Umugambwe CNL usaba CENI gufata kumwe imigambwe n’abariko bahiganirwa ibibanza bitandukanye mu matora y’uyu mwaka azotangurirwa n’ay’umukuru w’igihugu kuwa 20 ukwezi kwa gatanu.

Imyidogo nk’iyi y’uwo mugambwe wa mbere ufise abanywanyi benshi mu yitavuga rumwe n’ubutegetsi mu Burundi urongowe na Agathon Rwasa, icegera ca mbere c’umukuru w’inama nshingamateka, yari yashikirijwe n’urunani rutavuga rumwe n’ubutegetsi Kira-Burundi mu ndwi iheze.

Pierre Claver Kazihise, umukuru wa CENI yasubije ko ata ngorane umugwi aramutswa ufitaniye n’umugambwe canke umunyepolitike uwo ari we wese kandi ko amategeko ateganya ko abadashimye ingingo z’umugwi wiwe baheza bakitura sentare yubahiriza ibwirizwa nshingiro.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG