Uko wahagera

Imyiyamamazo y'Amatora mu Burundi Yatanguye


Abakandida bahiganira kuba Perezida mu Burundi

Ukwiyamamariza amatora y'umukuru w'igihugu, ay'abashingamateka n'abajenama b'amakomine mu Burundi kwatanguye kuri uno wa mbere. Ku bakandida indwi umurwi utunganya amatora, CENI, wemeje ko bakwije ivya ngombwa, batandatu ni bo batanguye ico gikorwa.

Evariste Ndayishiye umukandida w'umugambwe CNDD-FDD uri ku butegetsi yugururiye ico gikorwa i Bugendana mu ntara ya Gitega. Ni muri iyo ntara Jenerali Ndayishimiye avukamwo, umukuru w'igihugu c'Uburundi Pierre Nkurunziza yatangarijemwo ko atazongera kwitoreza iyindi manda.

Bamwe mu bagumyabanga b'umugambwe UPRONA, bayobowe na Isidore Mbayahaga bavuze ko bazoshigikira umukandida wa CNDD-FDD bivanye n'uko batemera Gaston Sindimwo, azoserukira UPRONA, bari bagiye gushigikira CNDD-FDD i Gitega.

Umukandida w'umugambwe CNL Agathon Rwasa we yugururiye ico gikorwa mu ntara ya Ngozi asanzwe avukamwo. Umushingamateka Rwasa yamenyesheje abamushize imbere ko ica mbere azotuza aramutse atowe ari akarenganyo. Yaboneyeho no kumenyesha ko azokwitaho ibiterwa njabukamazi, n’abakozi ba reta baronswe agashahara gatubutse.

Gaston Sindimwo wa Uprona ibikorwa vyiwe vya mbere vyabereye mu ntara ya Mwaro, Leonce Ngendakumana wa Frodebu mu buraruko bw'igisagara ca Bujumbura, Domitien Ndayizeye w'urunani Kira Burundi mu ntara ya Muramvya, uwigenga Dieudonné Nahimana nawe akaba yugururiye imyiyamamazo mu bumanuko bw'igisagara ca Bujumbura.

Umukandida yigenga Francis Rohero umwe rudende atatanguye ibikorwa vyo kwiyamamaza uno munsi, ku kirangamisi kiri ku rubuga rwiwe rwa Twitter, hariko ko azotangura ico gikorwa ejo ku wa kabiri akagitangurira mu gisagara ca Bujumbura, muri komine ya Mukaza.

Tumwe muri twa sorobo twibonekeje hirya no hino turimwo abanywanyi b'umugambwe CNL utavuga rumwe na Reta batangiririwe muri Komine Bugendana y'intara ya Gitega, babuzwa kuja i Ngozi aho Rwasa abarongoye yari. Amakuru ava i mu ntara ya Muyinga yemeza kandi ko igiporisi cabujije abanywanyi batari bake gushika kuri stade ya Muremera yari yitezwemwo abagera ku bihumbi 60.

Ku ruhande rwa CNDD-FDD, batobewe n'isanganya y'imodoka yabo bivugwa ko yoba yahitanye abagumyabanga babiri. Ni imodoka amakuru yahanahanywe ku mbuga ngurukanabumenyi, yemeza ko yari itwaye ivyuma i Gitega.

Ijwi ry'Amerika twagerageje kurondera bamwe mu bari hanze y'igihugu barimwo abanyepolitike n'abo mu mashirahamwe yigenga bakomeje kuvuga ko ano matora yari akwiye kubangira, ariko ntitwabaronka.

Gusa, umugambwe MSD uyobowe na Alexis Sinduhije mw'itangazo wasohohoye haraheze indwi zibiri, wari wavuze ko iki gihe isi yugarijwe n'ikiza ca Virusi ya Corona kitari ico gutunganya amatora.

Muri iryo tangazo, uwo mugambwe wavuze ko ayo matora ata "Cizere azogirirwa, agamije kugumisha ku butegetsi akarwi k'abantu wavuze ko batarajwe ishinga n'ineza ya bose".

Umurwi urwanya ubutegetsi bw'Uburundi Red Tabara nawo wasohoye itangazo uvuga ko utazokwemera ibizova mu matora "Abaye hakumiriwe igice kinini c'abatavuga rumwe na Reta n'abaharanira agateka ka zina muntu".

Imyiyamamazo ku bahiganirwa intebe umukuru w'igihugu c'Uburundi Pierre Nkurunziza amazeko imyaka 15, yatanguye uno munsi izosozerwa kw'igenekerezo rya 17 ukwezi kwa gatanu, hasigaye imisi itatu gusa ngo amatora y'umukuru w'igihiugu abe.

Aya matora azoba mu gihe hakivugwa impunzi z'Abarundi zirenga ibihumbi amajana atatu mu makambi atandukanye nkuko HCR ivyemeza, ntazokwega kandi Abarundi baba mu mahanga.

Ubushikiranganji bujejwe imigenderanire y'ico gihugu n'amakungu bwafashe iyo ngingo haraheze iminsi ntibwatomoye igitegekanijwe kuri uwo muce w'abantu utazotora bivuye ko ubuserukizi butandukanye bw'Uburundi mu makungu butariko burakora kubera COVID-19.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG