Uko wahagera

Umugambwe CNL wa Rwasa Wikeka ko Amatora Azohava Yibwa


Inyuma y’indwi ya mbere y’imyiyamamazo mu Burundi, umugambwe CNL ukomeye mu yitavuga rumwe na Reta wikeka ko hazohava haba ubusuma bw’amatora.

Mw’itangazo washize ahabona, Agathon Rwasa awuserukira mu matora y’umukuru w’igihugu, avuga ko ubusuma bwatanguye kumota. Afatira kw’iburabuzwa ry’abanywanyi biwe, ugufunga abazoserukira uwo mugambwe mu bibanza bitandukanye harimwo n’ivy’abakenguzamateka, kubatera ubwoba ngo bikure ku ntonde n’ibindi. Rwasa anavuga ko umugwi CENI ucungera ayo matora ubifisemwo uruhara.

Umugwi CENI utegura amatora urahumuriza ko amatora azogenda neza. Hagati aho, umugambwe uri ku butegetsi, abatavugarumwe na Reta n’abigenga barandanya igikorwa co kurondera amajwi mu banyagihugu.

Ico bikoze, Rwasa ahaca hose asiga abwiye abanywanyi biwe, kwitegurira kuzocungera ayo matora kugira babuze ico yita ubusuma buriko burategurwa. Mubo abwira harimwo abazoba ari nk’ijisho rya CNL mu tuzu tw’amatora, aba “Mandataires Politiques” mu gifaransa.

Inkuru y'umumenyeshamakuru w'Ijwi ry'Amerika Pierre Claver Niyonkuru.

Umugambwe CNL wa Rwasa Wikeka ko Amatora Azohava Yibwa
please wait

No media source currently available

0:00 0:05:31 0:00



Facebook Forum

XS
SM
MD
LG