Uko wahagera

Ndayishimiye Azorahira nka Perezida Mushasha w'Uburundi ku wa Kane


Generali Ndayishimiye kumwe na Perezida w'Uburundi Pierre Nkurunziza
Generali Ndayishimiye kumwe na Perezida w'Uburundi Pierre Nkurunziza

Leta y'Uburundi imaze gutangaza ko perezida mushasha Evariste Ndayishimiye azorahira ku musi wa kane w'iyi ndwi. Ibirori bizobera ku mugwa mukuru wa politike i Gitega ku kibuga citiriwe" Ingoma".

Nubwo binugwanugwa ko uwo azosubirira, umuhisi Nkurunziza azoshingurwa ku wa kabiri, Reta ntiravyemeza. Mu kurindira ariko ko amatariki yo kumushingura amenyekana, bamwe mu bari bamwegereye barabandanya gutera igikumu mu gitabo c’iteka co kumusezera.

Uwu muhango ukomeza kugeza umusi azofubirwako, ni akaryo ku bantu bakoranye, bagize amahirwe yo kumumenya kumuvuga. Mbere rimwe na rimwe no kwishura ku bibazo bibazwa canke ku co abatari bake na cane cane abatavuga rumwe na nyakwigendera bamunenga akiriho kugeza amaze gusezera isi.

Umviriza bumwe mu buhamya bw'abakoranye na Nkurunziza muri ino nkuru yateguwe na Eloge Willy Kaneza.

Ndayishimiye Azorahira nka Perezida w'Uburundi ku Munsi wa Kane
please wait

No media source currently available

0:00 0:04:42 0:00


Facebook Forum

XS
SM
MD
LG