Uko wahagera

Pierre Buyoya Arahoza Abarundi ku Rupfu rwa Pierre Nkurunziza


Perezida Pierre Buyoya Yahoze ayoboye Uburundi
Perezida Pierre Buyoya Yahoze ayoboye Uburundi

Umutambukanyi wa Nyakwigendera umukuru w'igihugu c’Uburundi Denise Bucumi Nkurunziza, yaraye atashe ava muri Kenya iyo yari yaroye kwivuriza kuva kuwa 28 ukwezi guheze. Amasoko y'ijwi ry'Amerika yemeza ko yashitse i Bujumbura inyuma y'isaha zitatu z'ijoro. Ayo masoko nyene yemeza ko ata baganga canke abaforoma bari mu ndege yamuganukanye nk'uko vyari biri igihe yaja i Nairobi.

Hagati aho ku mugwa mukuru wa politike Gitega, umugwa mukuru w'ubutunzi Bujumbura n'ibindi bisagara bikuru bikuru vy'igihugu haratekanye. N'ubwo ejo abantu batashe kare bacumva urupfu rwa perezida Nkurunziza, bazindukiye ku mirimo. Amakuru tutarashobora kuronka impande zose ziyemeza aravuga ko umuvyeyi wa Perezida Nkurunziza nawe aremvye aho ari mu bitaro I Ngozi.

Turakomeje kwakira ico bamwe n'abandi bavuga inyuma y’urupfu rwa Perezida Pierre Nkurunziza. Mu kiganiro umunyamakuru w'Ijwi ry'Amerika, Eddie Rwema, yagiranye na Pierre Buyoya yigeze kuyobora Uburundi, yahojeje Abarundi muri rusangi, vy'umwihariko ahoza umuryango wa Nyakwigendera.

please wait

No media source currently available

0:00 0:05:34 0:00

Mu butumwa Perezida Pierre Buyoya yacishije ku rubuga rwiwe rwa Twitter amakuru y'urupfu rwa Perezida Nkurunziza akimenyekana, yipfurije Uburundi y'uko "Uguhana ubutegetsi vyoba hisunzwe ukubahiriza amategeko".

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG