Uko wahagera

Nkurunziza Denise Yavuye mu Bitaro Agaruka mu Burundi


Pierre Nkurunziza n'umutambukanyi wiwe Denise Nkurunziza
Pierre Nkurunziza n'umutambukanyi wiwe Denise Nkurunziza

Umutambukanyi wa Nyakwigendera umukuru w'igihugu c’Uburundi Denise Bucumi Nkurunziza, yaraye atashe ava muri Kenya iyo yari yaroye kwivuriza kuva kuwa 28 ukwezi guheze. Amasoko y'Ijwi ry'Amerika yemeza ko yashitse i Bujumbura inyuma y'isaha zitatu z'ijoro. Ayo masoko nyene yemeza ko ata baganga canke abaforoma bari mu ndege yamuganukanye nk'uko vyari biri igihe yaja i Nairobi.

Hagati aho ku mugwa mukuru wa politike Gitega, umugwa mukuru w'ubutunzi Bujumbura n'ibindi bisagara bikuru bikuru vy'igihugu haratekanye. N'ubwo ejo abantu batashe kare bacumva urupfu rwa Prezida Nkurunziza, bazindukiye ku mirimo. Amakuru tutarashobora kuronka impande zose ziyemeza aravuga ko umuvyeyi wa Prezida Nkurunziza nawe aremvye aho ari mu bitaro i Ngozi. Isoko ryacu muri ico gisagara ryadutangarije ko abahatuye benshi baguye mu kantu kubera ibikomeje kuba k'uwahoze ari umukuru w'igihugu.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG