Umugambwe uri ku butegetsi Cndd-Fdd ari na wo watahukanye ikibanza ca mbere mu matora y’umukuru w’igihugu ku bice 68,7 % uvuga ko ushimira umugwi CENI wateguye amatora ingene wavyifashemwo mu gutuganya amtora uwo mugambwe wemeza ko yabaye meza.
Mu butumwa uwo mugambwe wamaze gushira ahabona, uvuga ko bitari vyoroshe gutegurira rimwe amatora atatu ay’umukuru w’igihugu, ay’abashingamateka n’abajenama b’amakomine. Yamara ngo CENI yerekanye ko vyose bishoboka.
Uwo mugambwe urakeza umukandida wawo Evariste Ndayishimiye. Umusaba kuzokora uko ashoboye kose kugira Abarundi bose babeho mw’ituze, biteze imbere mu gihugu cabibarutse. Uti “Turikumwe vyose bizoshoboka”. Uwo mugambwe wemeza ko ugiye kubaka Uburundi bushasha.
N’umugamwbe Uprona watahukanye ikibanza ca gatatu n’amajwi angana n’igice 1.6% wamaze kugira ico ushikirije. Abel Gashatsi atwarwa uwo mugambwe, mw’itangazo ry’iwe atangura akeza umukandida w’umugambwe uri ku butegetsi ku ntsinzi yatahukanye. Uprona yongerako ko amatora yabaye ari ikimenyetso gikomeye c’intwaro ya demokarasi. Usaba umukandikda Evariste Ndayishimiye agiye kuba Perezida w’Uburundi ko yobandaniriza ngaho maze intwaro ibereye ishinge imizi mu gihugu.
Gaston Sindimwo, umukandida wa Uprona arashima ivyavuye mu matora, agashimira n’abanyamugambwe wiwe bamutoye. Asaba Abarundi kuguma batekanye, uwugiye kuba umukuru w’igihugu na we, kwihatira ku guteza imbere igihugu.
N’aho biri uko umugambwe CNL waronse ikibanza ca kabiri n’amajwi ari ku bice 24.1% uragaya ivyatangajwe na CENI. Uwo mugambwe uvuga ko ufise ivyemeza bikwiye ko ari wo watahukanye intsinzi. Wemeza ko wibwe muri ayo matora.
Agathon Rwasa umukandida w’uwo mugambwe avuga ko yiteguriye kwitura inzego zijejwe gutatura amatati y’amatora ari yo sentare yubahiriza ibwirizwa nshingiro. Ico bikoze yavuze ko hakiri kare kugira agire vyinshi ashikiriza.
Bitegekanijwe ibiharuro vyatangajwe na CENI bizorinda kwemezwa na sentare yubahiriza ibwirizwa nshingiro kugira bibe ntabanduka.
Aho ni ho uwuzoba atashimye ivyavuye mu matora azoca yitura inzego zibishinzwe nk’uko itegeko rigenga amatora ribivuga
Facebook Forum