Uko wahagera

Amakenga ku Catumye CENI Ifuta kuri Internet Ivyavuye mu Matora


Ibiharuro umurwi ujejwe gutunganya amatora mu Burundi, CENI, watangaje nka nfatakibanza ku matora y'umukuru w'igihugu, ay'abashingamateka n'ay'abajenama b'amakomine vyarafuswe ku rubuga rwa internet rw’uyo murwi.

Ivyo biharuro vyari vyashizwe ku rubuga rwa CENI vyafuswe ku munsi wa gatatu. Mu kiganiro n’abamenyeshamakuru, Pierre Claver Kazihise atwara uwo murwi yasiguye ko vyafuswe kuko vyagiyeho "Gihuti-huti" habaye "Ukwihenda".

Mu bakandida indwi bitoje, umwe rudende ari we Dieudonne Nahimana ni we yagiye kwumviriza ahatangarijwe ivyo biharuro biteye impari. Mu kiganiro n’abamenyeshamakuru, yasiguye ko bizogorana kugereranya ivyo CENI yari yarashize ku rubuga n’ivyo izobisubiriza, kuko ata cegeranyo bahawe.

Muri ico kiganiro, Dieudonne Nahimana yagarutse ku tunenege avuga twabaye mu matora, muri two harimwo indorerezi ziwe zankiwe kwinjira mu biro vy'itora, aho zemerewe naho bemererwa kwinjira amatora yatanguye, gutyo ntibashobora gusuzuma ibikoresho biza gukoreshwa uko biri. Yavuze ko naho biri uko, bazoshira aho sentare yubahiriza Ibwirizwa nshingiro ishize.

Mu ba kandida indwi bitoje mu mwanya w’umukuru w’igihugu, Agaton Rwasa wenyene ni we yitwaye muri sentare yubahiriza ibwirizwa nshingiro, bitegekanijwe ko yemeza canke ihakana ibiri muri ivyo birego bitarenze ku munsi wa kane w’indwi iza.

Ibiharuro vy'imfata kibanza vyatangajwe na CENI vyerekana ko Evariste Ndayishimiye yaserukiye umugambwe CNDD-FDD "yatsinze amatora ku bice 68%, akurikirwa na Agathon Rwasa aramustwa umugambwe CNL, yaronnse 22%."

Inkuru Yateguwe n'Umumenyeshamakuru w'Ijwi ry'Amerika, Diane Nininahazwe

Kuki CENI Yafuse Ivyavuye mu Matora ku Rubuga rwa Internet?
please wait

No media source currently available

0:00 0:05:44 0:00



Facebook Forum

XS
SM
MD
LG