Uko wahagera

Ishengero Gatolika Mu Burundi Ryemeza Ko Habayeho Ubusuma mu Matora


Amatora mu Burundi
Amatora mu Burundi

Ishengero katolika mu Burundi riradoma urutoke ku busuma bwabaye mu matora aheruka kuba.

Inama y’abepiskopi imenyesha ko bakurikiraniye hagufi amatora aheruka kuba ndetse bakaba baranarungitse indorerezi zirenga gato 2,700 mu gihugu.

Bavuga ko n’aho izo ndorerezi zari nke ugereranije n’ingene igihugu kingana, zashoboye gushika mu ma komine yose y’igihugu bivanye n’ingene bari bacaguye aho bashira ijisho kurusha ahandi.

Icegeranyo abo bepiskopi katolika bashize ahabona cerekana ko amatora yabayemwo ubusuma budasanzwe harimwo ukwiba amajwi, kugagamisha ibitigiri canke aho abantu batoye incuro nyinshi.

Umukuru w'inama y’abepesikopi katolika, Musenyeri Joachim Ntahondereye agira ati “Dutera ivyatsi ibikorwa vyo gutera ubwoba vyakorewe abaserukira imigambwe imwe imwe kugira bemere basinye ku vyegeranyo vy’ivyavuye mu matora, kwiba amajwi canke kugagamisha ibitigiri ahatari hake, ahabonetse abatoye mu kibanza c’abapfuye canke bahunze, abatumye ngo babatorere bidakurikije amateko kandi bigakorwa kenshi, ahibonekeye abanyagihugu batoye incuro nyinshi.”

Bavuga kandi ko habayeho uwirukana abaserukira imigambwe n’izindi ndorerezi hageze guharura ivyavuye mu matora, igitsure no gutera ubwoba abatora bikozwe n’abatware babaherekeza gushika no mu tuzu tw’amatora.

Abo basenyeri katolika babona ko utwo tunenge twibonekeje dutuma ibiharuro vyatangajwe ko vyavuye muri ayo matora bitaba vyo.

Gusa bahamagarira uwubona ko yarenganijwe kwitura ubuntungane aho gufata inzira yo gukoresha inguvu.

Umukandida amaze kuvuga ko yibwe muri ayo matora ni Agathon Rwasa w’umugambwe CNL. Utunenge Rwasa avuga ntaho dutaniye n’ivyo vyashikirijwe n’abasenyeri gatolika.

Umugwi CENI ujejwe gutegura amatora, wowo ntuca hirya no hino mu kwemeza ko amatora yateguwe neza.

Ibiharuro ntabanduka vy’ayo matora, atavugwako rumwe, bizomenyekana italike zine z’ukwezi kuza.

Hagati aho, umugambwe uri ku butegetsi mu kibanza c’umukuru w’igihugu watahukanye amajwi agera ku bice 68.72 ku ijana n’ayo CNL uronka 24.19 ku ijana.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG