Uko wahagera

Agathon Rwasa Yitwaye muri Sentare Yubahiriza Ibwirizwa Nshingiro


Agathon Rwasa avuye gushikana ibirego
Agathon Rwasa avuye gushikana ibirego

Agthon Rwasa yitoje mu kibanza c’umukuru w’igihugu mu Burundi, akaba aza ubwa kabiri mu majwi y’imfata kibanza yatangajwe na CENI, yituye sentare yubahiriza ibwirizwa nshingiro. Yemanga ko afatiye ku vyemezo yahaye iyo sentare, ari we yatahukanye intsinzi mu matora y'umukuru w'igihugu.

Mu biharuro vy'imfata kibanza, umurwi ujejwe gutunganya amatora CENI wemeje ko umukandida w’umugambwe CNDD FDD uri ku butegetsi general Evariste Ndayishimiye yatsindiye intebe ya perezida ku bice 68.72% nayo uwamukurikiye aba Agathon Rwasa w’umugambwe CNL utavuga rumwe n’ubutegetsi aronka ibice 24.19% ku kandida indwi bari mw’ihiganwa.

Agathon Rwasa akiva gutanga ibirego yavuze ko sentare yubahirizwa ibwirizwa nshingiro niyo itamutunganiriza azoca yitura izindi nzego zo mu karere. Iyo sentare bitegekanijwe ko imwishura bitarenze iminsi umunani.

Inkuru yateguwe na Desire Hatungimana

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG