Uko wahagera

Burundi: Umwanya n'Umwanya CENI Iratangaza Ivyavuye mu Matora


Agathon Rwasa na Evariste Ndayishimiye
Agathon Rwasa na Evariste Ndayishimiye

Ivyavuye mu matora y'umukuru w'igihugu, ay'abashingamateka n'abajenama b'amakomine mu Burundi bimenyekana uno munsi.

Mu biharuro vya nyuma urunani rw'amaradiyo rurongowe na reta y’Uburundi rwashize ahabona ku munsi wa gatanu, vyerekana ko umugambwe uri ku butegetsI CNDD-FDD uza imbere, ugakurikirwa n'umugambwe CNL wa Agathon Rwasa.

Mu cegeranyo umugambwe CNL waraye ushize ahabona, wemeje ko watahukanye intsinzi ufatiye ku vyegeranyo wahawe n'abari bahagarariye amatora. Ku ruhande rwa CNDD-FDD. Mu kiganiro cihariye n'Ijwi ry'Amerika ku munsi wa kane, Agathon Rwasa yavuze ko "Amatora yabayemwo ubusuma".

Uwuramuka adashimye ivyo CENI iza gutangaza muri ayo matora, azoshobora kwitura sentare yubahiriza Ibwirizwa Shingiro imbere y'uko ibitigiri ntabanduka bitangazwa kw'igenekerezo rya 4 ukwezi kwa gatandatu, umukuru w'igihugu mushasha akarahira kw'igenekerezo rya 20 ukwezi kwa munani.

Amatora yo muri uno mwaka yahiganiwe n'abakandida 7. Muri bo abakomeje guhabwa amahirwe ni General Evariste Ndayishimiye w'imyaka 52 akaba ari umunyamabanga mukuru w'umugambwe umaze imyaka 15 ku butegetsi, CNDD-FDD. Mukeba wiwe ni umukuru w'umugambwee CNL, Agathon Rwasa w'imyaka 56, akaba icegera c'umukuru w'inama shingamateka. Bompi uko ari babiri bakomoka mu bwoko bw'abahutu

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG