Uko wahagera

Ndayishimiye Evariste Yarahiriye Kuyobora Uburundi


Perezida mushasha w'Uburundi Evariste Ndayishimiye,
Perezida mushasha w'Uburundi Evariste Ndayishimiye,

Ku ncuro ya mbere, mu mateka y’Uburundi, perezida mushasha yarahiriye amabanga imbere y’Abanyagihugu.

Evariste Ndayishimiye yarahiriye kurongora Uburundi mu kiringo c’imyaka 7 iri imbere nk’uko ibwirizwa shingiro ry’Uburundi ribitegekanya.

Ni ibirori vyabereye ku kibuga c’umupira w’amaguru citiriwe ‘INGOMA’ kiri hagati mu murwa mukuru wa poritike Gitega.

Apfukamye hasi, Evariste Ndayishimiye yabanje gusengerwa n’abaserukiye amadini ya Katorika, Anglikani na Isilamu, abona kuja kurahira.

Mw’isengesho ry’Umwepisikopi wa Diyoseze Katorika ya Gitega yasavye Imana guca mu mukuru w’igihugu mushasha, imuhe ububasha n’umutima wo guhungura impunzi, kwugurura imipaka n’imigenderanire y’Uburundi n’ayandi makungu.

Afashe mu kuboko kw’ibubamfu idarapo y’igihugu n’iry’ubumwe bw’abarundi, ukuboko kw’uburyo hejuru, yaciye arahira imbere y’Imana, n’abanyagihugu bo bene Uburundi. Ahejeje kurahira yaciye ashira umukono mu gitabo ca Sentare ijejwe kwubahiza ibwirizwa shingiro.

Ibikoho vya muzinga vyaciye vyasirana n’ikimenyetso c’uko umukuru w’igihugu ashikiye amabanga, ikarashishi y’abasirikare, ingoma hirya no hino birakurikira.

Ivyo birori vyari vyitabwe n'abaserukira ibihugu vyabo mu Burundi, intumwa zidasanzwe zavuye mu gihugu ca Misiri, Guinee Equatorial, tutibagiye abaje bava mu gihugu ca Tanzaniya harimwo uwahoze ari umukuru w’ico gihugu Jakaya Mulisho Kikwete.

Igisagara ca Gitega cari casukuwe uburyo butamenyerewe, amabarabara yasizwe, ibibanza bikomeye nk’ivyibutso vy’incungu z’Uburundi, Rwagasore na Ndadaye, icibutso c’Ubumwe bw’abarundi n’ic'ukwikukira, vyose vyari vyasizwe amarangi.

Ibirori vyo kwimika perezida mushasha bibaye mu gihe Perezida Nkurunziza yahora arongoye Uburundi yitavye Imana atararangiza manda yiwe, ndetse akaba atarashingurwa. Sentare ijejwe kwubahirizwa ibwirizwa shingiro ry’Uburundi, yari yafashe ingingo y’uko umukuru w’igihugu yari aherutse gutorwa ari we agomba kurahira agatwara Uburundi vuba na bwangu.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG