Uko wahagera

Amerika Irakeza Perezida w'Uburundi Evariste Ndayishimiye


Perezida Evariste Ndayishimiye
Perezida Evariste Ndayishimiye

Reta ya Amerika yakeje umukuru w'igihugu c'Uburunndi, Perezida Evariste Ndayishimiye, yimitswe kuri uno wa kane.

Reta ya Amerika yatangaje ko ukurahira kwiwe uno musi ari igihe gihambaye cerekana ko Uburundi bubandanya kwiyemeza ku bijanye n’ugushikiriza ubutegetsi biciye mu mahoro. Ibona ko ari akaryo gakomeye ku Barundi no kuri Reta k’ukwinjira mu gihe gishasha mu mateka y’igihugu.

Amerika isaba Reta nshasha y’Uburundi kwuguririra imiyango abanyapolitike batandukanye, kurekura abanywanyi b’imigambwe, abari mu mashirahamwe adaharanira ivyicaro vya politike, n’abamenyeshamakuru bahagaritswe mu buryo butubahirije amategeko kubera ibikorwa vyabo bijanye n’amatora.

Reta ya Amerika isaba kandi Reta y’Uburundi gutohoza n’ugukwirikirana abagirizwa ko bateye ubwoba abanyagihugu mu gihe c’amatora.

Amerika yavuze ko izoguma icuditse kandi ikorana n’Uburundi. Irakira akaryo k’ugukorana na Prezida Ndayishimiye n’abayobozi ba Reta mu nzego zose mu gihe bazoba bariko bashira imbere iterambere, bakomeza inzego n’ivyerekeye agateka ka muntu hamwe n’ukwubahiriza umutekanao mu karere no mu makungu ku neza y’abarundi.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG