Uko wahagera

U Rwanda Rwakeje Ndayishimiye Yatorewe Kuyobora Uburundi


Mu butumwa bw'itangazo ubushikiranganji bujejwe imigenderanire n’amakungu, bwarungikiye Uburundi bwagaragaje ko hariho ugushaka ko kunagura imigenderanire hagati y’ibi bihugu 2, yatosekaye kuva mu mwaka w’i 2015.

Iri baruwa rigira riti : “Reta y’u Rwanda yipfuza gukeza umukuru w’igihugu yaraye atorewe gutwara Uburundi, General Major Evariste Ndayishimiye. U Rwanda kandi ruboneyeho akaryo ko kwemeza ko rufise ugushaka kwo gusubira kunagura imigenderanire myiza yamyeho kuva kera hagati y’ibihugu vyacu bivukana”.

Itangazo ribandanya rivuga ko u Rwanda rwifuriza Abarundi amagara meza, amahoro n’iterambere, cane cane muri iki gihe c’ikiza c’umugera wa corona.

Ibi vyatanguye gutera amakenga abatari bake ko iryo tangazo ritoba ari iry’ukuri. Yamara, radiyo Ijwi ry'Amerika yabajije umukozi wo mu gisata co kumenyesha amakuru mu bushikiranganji bw’imigenderanire n’amakungu, yemeza ko ari ukuri, ndetse anatubwira ko ubwo butumwa bwamaze gushirwa ku rubuga rw’ubwo bushikiranganji.

Ku rubuga rwa Twitter, umugambwe uri ku butegetsi Cndd-Fdd, Evariste Ndayishimiye aturukamwo, wemeje ko wakiriye ubwo butumwa bwarungitswe na Reta y'u Rwanda.

Uretse u Rwanda, n’ibindi bihugu vyo mu karere ka Afrika y’Ubuseruko birimo Tanzaniya na Kenya, na vyo vyakeje Ndayishimiye yatowe ku majwi arenga gato 68% nk’uko vyemejwe na sentare yubahiriza ibwirizwa nshingiro.

Umuhinga mu vy’imigenderanire yabwiye VOA ko ibi ari ibisanzwe ko ibihugu bikeza uwatowe, kuko biba vyiteze impinduka canke iterambere mu migenderanire y’ivyo bihugu.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG