Uko wahagera

Burundi: Generali Ndayishimiye Watowe ni Umuntu Ki?


Evariste Ndayishimiye n'Umuryango wiwe
Evariste Ndayishimiye n'Umuryango wiwe

Ndayishimiye Evariste yavukiye muri komine Giheta mu ntara ya Gitega mu mwaka w’1968, intara y’ikirimiro, ubu yagizwe umurwa mukuru wa politike.

Uwo mugabo, azwi ku gatazirano ka “Neva” yamenyekanye cane guhera mu mwaka w’1995, yiga muri kaminuza y’Uburundi mu mwaka wa 2 mu gisata c’amategeko. Ico gihe, yararokotse ubwicanyi bwahitanye bagenzi we b’abahutu biga muri iyo kaminuza.

Yaciye yinjira mu muhari FDD warwanya Reta, wari umaze iminsi mike utanguye, inyuma y’igandagurwa rya Perezida Melchior Ndadaye yishwe mu mwaka w’1993, Ndayishimiye atanguye Kaminuza.

Bamwe mu bo vyagendanye ku rugamba babwiye VOA ko yarwaniye cane cane mu gice ca Bubanza, Cibitoke na Bujumbura Rural kuko yabaye mu Kibira n’ubuseruko bwa Kongo.

Abamuzi bavuga ko ku rugamba yakunzwe n’abo yatwara, bigatuma agenwa amabanga atandukanye yo kurongora ibitero no gufasha mu vy’amategeko bagenderako mu ntambara. Yabaye umuyobozi akatari gake igihe yatwara abarwanyi muri izo ntara zitandukanye. Ngo yaranka n’uko haba umurwanyi wiwe arenganywa.

Ishamba yamazemwo imyaka 10, yarirangije mu myaka y’2000 ashinzwe amabanga yo kurongora ibiro vyiga amategeko na politike y’umuhari w’abo.

Mu mwaka w’2003 bashize hasi ibirwanisho bitegurira kuja muri Reta no mu gisirikare. Mu mwaka w’2005, Ndayishimiye yagizwe icegera c’uwutwara ibiro bikuru vya gisirikare,kimaze gucangwa.

Kuva mu mwaka w’2006 gushika mu mwaka w’2007, yagizwe umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu n’umutekano.

Ndayishimiye arazinanye cane n’uwo bari basa n’abahanganye mu matora Agathon Rwasa, kuko mu mwaka w’2008, Evariste Ndayishimiye ni we yari arongoye intumwa za Reta mu masezerano yo gushira hasi ibirwanisho ku muhari Palipehutu FNL wari urongowe na Rwasa.

Generali Evariste Ndayishimiye na Agathon Rwasa

Mu nyuma aba umuhanuzi mu biro vy’umukuru w’igihugu ajejwe ibibazo vya gisirikare, ikibanza yagumyemwo gushika mu mwaka w’2014.

Intureka zo mu mwaka w’2015 zadutse asigaye ari umuhanuzi w’ibibazo vya gisivire mu biro kwa Perezida nyene. Inyuma y’umwaka umwe yaciye agenwa kurongora umugabwe uri ku butegetsi Cndd-Fdd kuva mu mwaka w’2016, acasezera igisirikare.

Azwi nk’umugabo atavuguruzwa ku ngingo afashwe. Gusa uwumuzi yagize ati :“N’aho atwarwa n’agashavu n'ingoga, yigarura hakiri kare, arumviriza, kandi arugurutse’. Abamuzi bati kuba yakoze ubuzi bwinshi mu gihugu, arazi neza igisirikare, intwaro, ibiganiro, amashirahamwe yigenga, n’ibindi.

Evariste Ndayishimiye ari mu mugwi w’abasirikare n’abapolisi bafise ipete rya general badashika 10 bayoboye igihugu mu mpisho, bafata ingingo zose zerekeye ubuzima bw’igihugu.

Abamwegereye bavuga ko kuva mu myaka iheze mu kugenwa ayo mabanga yose kwari nk’ukumutegura kuzorongora igihugu kuko umukandida yabwirizwa kuva mu barurwanye “abo cavunye” nk’uko bavyivugira.

Amashirahamwe yigenga arahuriza hamwe ko Ndayishimiye ata madosiye y’ubwicanyi n’isesagurwa ry’amatungo ya Reta avugwamwo.

Gusa bakongerako ko umuhari w’urwaruka rw’imbonerakure zegamiye umugambwe avamwo rwakoze amabi menshi, rufatwa na ONU nk’akagwi nk’inkorabara “Milice” Ndayshimiye ari we atwara umugambwe, bati yari afise ububasha bwo kubabuza.

Igihe abategetsi batandukanye baguma batuka abanyabulaya n’ibihugu bimwe vyo mu karere, Evariste Ndayishimiye yumvikanye gake avuga amajambo mabi muri ico gisata.

Umuhinga mu vya politike twavuganye ati: “Nibaza ko kugarukana imigenderanire myiza n’ababanyi hamwe n’amakungu ari co azoherako kuko azi aho kigejeje igihugu. Kuva kera yarigengesera kuko yarazi ibimurindiriye”.

Perezida Petero Nkurunziza, avuye ku butegetsi agizwe “Imboneza yamaho” mu mugambwe no mu gihugu, atekerewe imperekeza n’abazomucungerera ubuzima bakwiye. Bamwe bati ni kimwe mu bitazokorohera Ndayishimiye gutwara.Ndayishimiye ni umukirisu wo mw’idini rya Katolika, adasiba gusenga, n’intebe yiwe irazwi ahakunda kwicara. Afise umugore n’abana 8.

Ata gihindutse mu kwezi kw’umunani ni ho azorahira atangure amabanga y’umukuru w’igihugu azomaramwo ikiringo c’imyaka 7, gishobora kwiyongera rimwe nk’uko ibwirizwa nshingiro rishasha ribivuga

Evariste Ndayishimiye ni Umuntu ki?
please wait

No media source currently available

0:00 0:05:11 0:00


Facebook Forum

XS
SM
MD
LG