Uko wahagera

Burundi: Ekleziya Katorika Ibeshuza ivyo Sentare Yubahiriza Ibwirizwa Nshingiro Iyivugako


Inama y'Abepiskopi katolika mu Burundi ivuga ko yababajwe n'ukumva sentare yubahiriza ibwirizwa nshingiro yatangaje ko yari yayihaye ibirego ku bijanye n'amatora aheruka.

Urwo rwego rumenyesha ko amahinyu rwashikiriije iyo sentare ari yo yari yavyisabiye mugabo ko rutigeze rwitwara. Abasenyeri katolika basigura ko ibi bishobora gutuma haba abarwitiranya n'umugambwe canke ivyiyumviro kanaka ari naco gituma bashimye kubigaragaza no kubisigura.

Mw'itangazo ryabo, abo Bepiskopi bahamagarira Abarundi bose gukunda ukuri n’ubutungane hamwe n’ukuremesha amahoro n’ubumwe mu gihugu cabo. Banongerako ko bakiriye ivyavuye mu matora nk’uko vyashikirijwe na sentare yubahiriza ibwirizwa nshingiro kw’itariki ya kane uku kwezi.

Abo basenyeri muri iryo tangazo barakeje Evariste Ndayishimiye, ariko bongera bemeza ko n’ubu iryo bavuze ryuko amatora yaranzwe n'utunenge n'ubu bakiryumyeko.

Ibindi kuri ino nkuru, Fyonda aho munsi uvyumve mw'Ijwi rya Eloge Willy Kaneza.

Burundi: Ekleziya Katorika Ibeshuza ivyo Sentare Yubahiriza Ibwirizwa Nshingiro Iyivugako
please wait

No media source currently available

0:00 0:04:45 0:00


Facebook Forum

XS
SM
MD
LG