Uko wahagera

Ekleziya Katorika mu Burundi Yemeza ko Amatora Yabayemwo Ubusuma


Musenyeri Yohakimu Ntahondereye
Musenyeri Yohakimu Ntahondereye

Ishengero katolika mu Burundi riremeza ko ryakurikiraniye hagufi amatora aheruka kuba ndetse bakaba baranarungitse indorerezi zirenga gato 2700 mu gihugu.

Inama y’abepiskopi katolika ivuga ko n’aho izo ndorerezi zari nke ugereranije n’ingene igihugu kingana, zashoboye gushika mu makomine yose y’igihugu bivanye n’ingene bari bacaguye aho bashira ijisho kurusha ahandi.

Icegeranyo abo bepiskopi katolika bashize ahabona cerekana ko amatora yabayemwo ubusuma budasanzwe harimwo ukwiba amajwi, kugagamisha ibitigiri canke aho abantu batoye incuro nyinshi.

Musenyeri Joachim Ntahondereye, umukuru w'inama y’abepesikopi katolika mu itangazo yasomye yateye ivyatsi ibikorwa vyo gutera ubwoba vyakorewe abaserukira imigambwe imwe imwe kugira bemere basinye ku vyegeranyo vy’ivyavuye mu matora, kwiba amajwi canke kugagamisha ibitigiri ahatari hake, ahabonetse abatoye mu kibanza c’abapfuye canke bahunze, abatumye ngo babatorere bidakurikije amateko kandi bigakorwa kenshi, ahibonekeye abanyagihugu batoye incuro nyinshi.

Kwirukana abaserukira imigambwe n’izindi ndorerezi hageze guharura ivyavuye mu matora, igitsure no gutera ubwoba abatora bikozwe n’abatware babaherekeza gushika no mu tuzu tw’amatora, abantu atawuzi iyo bavuye binjira ahariko haharurirwa amajwi, ibanga mu guharura ritubahirijwe hamwe no kwaka amatelefone n’ibiranga indorerezi zimwe zimwe

Abo basenyeri katolika babona ko utwo tunenge twibonekeje dutuma ibiharuro vyatangajwe ko vyavuye muri ayo matora bitaba vyo. Gusa, bahamagarira uwubona ko yarenganijwe kwitura ubuntungane aho gufata inzira yo gukoresha

Ibiharuro ntabanduka vy’ayo matora atavugwako rumwe, bizomenyekana italiki 4 z’ukwezi kuza. Hagati aho, umugambwe uri ku butegetsi mu kibanza c’umukuru w’igihugu watahukanye amajwi agera ku bice 68.72% n’ayo CNL uronka 24.19%. Abitavye amatora barenga ibice 87%

EKleziya Katorika mu Burundi Ivuguruza CENI ku Vyavuye mu Matora
please wait

No media source currently available

0:00 0:08:13 0:00



Facebook Forum

XS
SM
MD
LG