Uko wahagera

Isirayeri Hamas

Isirayeri Yagavye Ibitero vyo Gusambura Ibikoho Vyarashe Rokete 100 mu Misozi ya Golan

Isirayeri, kuri uyu wa kabiri, yatangaje ko yakoze ibitero vy'indege z'ingwano mu ntumbero yo gusambura ibikoho bitatu vyakoreshejwe mu kurasa rokete 100 mu karere k’imisozi ya Golan.

Ukurasana ku mpande zompi vyateye impungenge amakungu ko ingwano hagati ya Isirayeri n’umurwi Hamas ishobora gukwiragira mu bindi bice vy’akarere ko mu buseruko bwo hagati y’isi.

Isirayeri, kuri uyu wa kabiri, yatangaje kandi ko yakoze ibitero vy’indege z’ingwano mu karere ka Khan Younis, mu bumanuko bw’intara ya Gaza. Ni mu gihe iriko igerageza kubandanya ibitero vyayo mu ntumbero yo kuzimanaganya umurwi Hamas.

Isirayeri, ku musi wa mbere, yaratangaje ko ibitero vy’indege z’ingwano yakoze mu ntara ya Gaza mu mpera z’indwi irangiye, vyahiga umutegetsi akomeye mu vya gisirikare w’umurwi Hamas. Yamara iracariko iratohoza niba yarishwe muri ivyo bitero.

Ivyo bitero vyakozwe mu kibanza Isirayeri yibaza ko uwo mutegetsi, yitwa Marwan Issa, yari yihishijemwo. Umuvugizi w’igisirikare ca Isirayeri, Amiral Daniel Hagari, ku musi wa mbere, yatangaje ko ivyo bitero vyabaye hagati yo ku musi wa gatandatu no ku musi w’Imana urangiye.

Isirayeri yagiriza Marwan Issa ko ari umwe mu bategetsi bakomeye b’umurwi Hamas bateguye ibitero vy’iterabwoba vyo kw’itariki 7 y’ukwezi kw’icumi mu mwaka urangiye w’i 2023.

Muri iki gihe kandi, ishirahamwe mpuzamakungu ONU ryatangaje ko ikibazo c’ibifungurwa gitera gikomera kurushiriza mu ntara ya Gaza. Ubwato butwaye itoni 200 y’imfahanyo yavuye kuri uyu wa kabiri mw’izinga rya Shipure, igana intara ya Gaza iciye mw’ibahari Mediterane.

Emira Zunze Ubumwe z’Abarabu, ishirahamwe rijejwe gutabara, Proactiva Open Armas ryo muri Espanye n’ishirahamwe rijejwe gutabara, World Central Kitchen ni yo yakoreye hamwe muri ico gikorwa co gutabara abanyagihugu bo mu ntara ya Gaza. (VOANEWS)

USA: Ijambo Ngarukamwaka rya Perezida ku Banyagihugu

Joe Biden ageza ijambo ku banyamerika umwaka ushize wa 2023
Joe Biden ageza ijambo ku banyamerika umwaka ushize wa 2023

Perezida wa Leta Zunze Ubumwe z’Amerika ku mugoroba w’uyu wa Kane arageza ijambo ku baturage rigaragaza uko igihugu gihagaze.

Perezida Biden araba agaruka ku buryo yitwaye muri politiki zinyuranye zirimo ubukungu, uburenganzira ku buzima bw’imyororokere, amategeko yo kugenzura imbunda, ndetse na politiki y’abimukira.

Ijambo ry’uko igihugu gihagaze ubusanzwe ni urubuga abaperezida b’Amerika bagaragarizamo iby’ingenzi bagezeho muri politiki zinyuranye z’imbere mu gihugu.

please wait

No media source currently available

0:00 0:04:19 0:00

Icyakora, mu gihe Leta Zunze Ubumwe z’Amerika ubu ihanzwe n’intambara mu Burasirazuba bwo Hagati no mu Burayi, politiki y’ububanyi n’amahanga ishobora gufata umwanya munini mu byo Bwana Biden aza kugarukaho. Ni mu ijambo rye rya kane ry’uko igihugu gihagaze, rishobora no kuba irya nyuma nk’iryo agejeje ku mitwe yombi y’inteko nshingamategeko iteranye.

Arahamagara Kongre Kwemeza Inkunga ya Ukraine

Ku bijyanye na Ukraine, ubuyobozi bw’Amerika bwabundikiriwe n’igihu cy’itambama ry’abarepubulikani bo mu nteko - umutwe w’abadepite, mu kwanga kwemeza ingengo y’imari y’inkunga ingana na miliyari 95 z’amadorali y’Amerika igenewe ibihugu by’amahanga yari yemejwe na Sena.

Muri iyo nkunga harimo miliyari 61 z’amadolari agenewe gushyigikira ubutegetsi bw’i Kiev mu ntambara buhanganyemo n’Uburusiya.

Uyu mushinga w’itegeko kandi warimo miliyari 14 z’amadolari y’inkunga mu by’umutekano igenewe Isiraheli, miliyari 9 z’amadolari agenewe ibikorwa by’ubutabazi. Harimo kandi miliyari 5 z’amadolari yo gufasha abafatanyabikorwa b’Amerika mu karere gakora ku nyanja z’Ubuhinde na Pasifika, mu gihe Amerika ihanganiye n’Ubushinwa kugira ijambo muri ako karere.

Intambara zo muri Ukraine na Gaza ziraza kugira umwanya munini mu gice cy’ijambo rya Bwana Biden kijyanye na politiki y’ububanyi n’amahanga. Ni cyo kimwe n’ingamba zijyane n’ubukeba hagati y’Amerika n’Ubushinwa.

Abasesenguzi bavuga ko Perezida aza gukoresha inzira zinyuranye kuri ibyo bibazo byombi, mu gihe atekereza ku marangamutima y’abatora, mbere y’amatora azaba ahataniramo indi manda mu kwezi kwa 11.

Perezida Biden kandi araza gukoresha ijambo rye yongera gusaba ko umushinga w’itegeko rijyanye n’inkunga igenewe ibihugu by’amahanga watorwa. Aha akaza kugaragaza ko bitari mu nyungu z’Amerika kwemera ubwigunge, mu gihe hari ibimenyetso by’ukwaguka kw’ijambo ry’Uburusiya mu isi.

Mu kiganiro yahaye abanyamakuru kuri uyu wa Gatatu, Karine Jean-Pierre, umuvugizi wa Perezidansi y’Amerika, yagize ati: “Perezida agiye gukomeza kugaragaza aho ahagaze ko abarepubulikani bo mu nteko bakwiye gutera intambwe ijya mbere. Umukuru w’inteko – umutwe w’abadepite akwiye gushyira imbere umutekano w’igihugu. Turabizi ko rizashyigikirwa byimazeyo.”

Bamwe mu basesenguzi basanga nubwo ubutegetsi bwa Biden bwashyigikiwe ku ruhando mpuzamahanga, mu muhate wabwo wo gushakira Ukraine inkunga y’ingenzi ya gisirikare n’iy’ubukungu, uwo gufatira Uburusiya ibihano bikomeye, ndetse n’uwo kongera igihagararo cya gisirikare cy’umuryango wa OTAN mu Burayi bw’uburasirazuba, ariko bwananiwe kumvikanisha iyi politiki ku baturage b’Amerika.

Amakusanyabitekerezo yagiye akorwa, yerekana ko ugushyikira iyoherezwa ry’inkunga ya gisirikare kuri Ukraine kwagiye kuba nk’umurongo ugabanya abo mu ishyaka ry’aba repubulikani n’iry’abademokarate. Aha abatora bo mu ishyaka rya Perezida – abademokarate – bashyigikiye cyane umuhate wa Perezida Zelensky wa Ukraine mu ntambara.

Byitezwe kandi ko bwana Biden akoresha ijambo rye mu kongera gukusanyiriza inkunga Ukraine mu gihe abanyamerika barambiwe intambara. Bose hamwe, 37 ku ijana – abarepubulikani ku rugero rwa 55 ku ijana n’abademokarate 17 ku ijana - bavuga ko ibyo guverinoma y’Amerika itanga mu mfashanyo kuri Ukraine bikabije.

Intambara yo muri Gaza ni Ipfundo kw'Itorwa rya Biden

Ku birebana na Gaza naho, byitezwe ko Perezida aza kugaragaza ko ashyigikiye abanya Isiraheli nyuma y’ibitero bya Hamas by’iya 7 y’ukwa Cumi. Aha akaza gushimangira akamaro ko gukora ibishoboka ngo Isiraheli ibashe kwirwanaho, imbere y’ibitero by’umutwe Amerika yashyize ku rutonde rw’iy’iterabwoba.

John Kirby, umujyanama mu biro by’umukuru w’igihugu ushinzwe itumanaho mu bijyanye n’umutekano w’igihugu, mu kiganiro yahaye Ijwi ry’Amerika kuri uyu wa Gatatu, yavuze ko Perezida ashaka kugaruka ku byo yagezeho “mu kugarura ubuyobozi bw’Amerika ku ruhando rw’isi.”

Yongeyeho ko ubuyobozi bw’Amerika buyiha ububasha bwo kugira ijambo ku bikorwa by’abategetsi b’isi n’iby’abakeba bayo “mu buryo bujyanye n’inyungu z’umutekano w’igihugu.”

Iryo jambo ry’Amerika ariko ryananiwe gutsinda impaka zikomeye ziri hagati ya Perezida Biden na Minisitiri w’intebe wa Isiraheli Benjamin Netanyahu ku bibazo binyuranye. Ibyo birimo uburyo bwo kugeza imfashanyo y’ubutabazi ku baturage ba Gaza, uruhare rw’ubutegetsi bwa Palesitina nyuma y’intambara, ndetse n’icyerekezo cy’Amerika kuri leta ya Palestina y’ahazaza.

Ariko biraza gusaba ukwigengesera kwinshi kuri iki kibazo, aho aza kuba atekereza ku macakubiri yadutse hagati y’aba demokarate bashyigikiye Isiraheli n’abigenga bashyigikiye aho ahagaze kuri iyi ntambara, ndetse n’abademokarate bashaka impinduka, cyo kimwe n’abanyamerika b’abarabu n’abayisilamu, bo barakajwe cyane n’aho ahagaze.

Igitigiri Kinini c'Abamaze Kurwa mu Ntambara ya Hamas na Isirayeri ni Abasivile

Amwe mi Mafoto y'abamaze kurwa mu ntambara ya Hamas na Isirayeri
Amwe mi Mafoto y'abamaze kurwa mu ntambara ya Hamas na Isirayeri

Benny Gantz, umwe mu baza imbere mu bagize umurwi ujejwe ivy’inrwano muri Isirayeri uno munsi kuri uno wa mbere arahura n’indongozi zitandukanye z’Amerika.

Imibonano yiwe n'indongozi za Amerika iza kubera I Washington DC. Iza kuba igamije kwiga ingene hoboneka agahengwe k’intambara hagati ya Hamas na Isirayeri n’ingene imfashanyo zo mu ntara ya Gaza zokwiyongera.

Umutegetsi wo mu biro vya prezida w’Amerika yatanze ano makuru ntashime ko amazina yiwe atangazwa, yavuze ko Benny Gantz aza kubonana na visi prezida w’Amerika, Kamala Harris, umuhanuzi mukuru mu vy’umutekano mu biro vya prezida w’Amerika, Jake Sullivan, hamwe n’umushikiranganji ajejwe imigenderanire y’Amerika, Antony Blinken.

Uwo mutegetsi wo mu biro vya prezida w’Amerika yabwiye abamenyeshamakuru ko ikiranga minsi c’ivyo visi prezida w’Amerika aza kubwira Benny Gantz, harimwo kwibutsa Isirayeri uburenganzira ifise bwo kwivuna ico Amerika yita “ agasomborotso kavanze n’iterabwoba rya Hamas, no kwibutsa ko ari ngombwa ko haboneka amasezerano atuma imbohe zirekurwa, imfashanyo zikagwira kandi zigashika vyoroshe mu ntara ya Gaza.

Ejo ku wa Mungu, ibiganiro bigamije gutanga agahengwe mu ntambara ya Hamas na Isirayeri vyarongeye gutangura. Vyabereye muri Misiri, bishimikira ahanini ku gahengwe koboneka mu kwezi kweranda bw’aba Isilamu, kuzotangura igenekerezo rya 10 canke rya 11 z’uku kwezi kwa gatatu.

Mu gihe intambara ya Hamas na Isirayeri iriko yinjira mu kwezi kwayo kwa gatandatu, Ubushikiranganji bw’amagara y’abantu muri Gaza, buvuga ko abamaze kuyirwamwo bababa ibihumbi 30 n’amajana atanu. Benshi muri abo, ni abasivile nkuko ubwo bushikiranganji bubandanya kubivuga.

Ibiharuro itororokanirizo ry’amakuru y’Abafaransa, AFP, rikura mu bayobozi ba Isirayeri vyemeza ko ku ruhande rwa Isirayeri, abamaze kurwa muri iyi ntambara ari 1160. Aba, bagwiriyemwo abasivile. Abanyurujwe na Hamas muri rusangi ni 250, barimwo 130 bakigizwe imbohe. Muri aba, 31 boba baramaze kwicwa.

Hagati aho, ku munsi wa gatandatu, Amerika ikoresheje indege za gisirikare, yaramanuriye muri Gaza imfashanyo zigera ku mifuko ibihumbi 30 irimwo imfungurwa. Ni ubwa mbere Amerika ikoze ico gikorwa co gutiburira imfashanyo muri Gaza yifashishije indege za gisiriikare.

Ibitero Isirayeri Yagavye muri Rafah Vyahitanye Abantu 97 Bisenyura Amazu Menshi

Amwe mu mazu yasenyuwe n'ibitero vya Isirayeri mu gisagara ca Rafah
Amwe mu mazu yasenyuwe n'ibitero vya Isirayeri mu gisagara ca Rafah

Indege z’ingwano za Isirayeri zakoze ibitero mu gisagara ca Rafah, muri Palestina, bisenyura amazu atari make. Abahatuye bavuze ko baraye batagohetse kandi ko ata bitero bikomeye nk’ivyo bari bwabone.

Ivyo bitero vyabaye kandi mu gihe umukuru wa Hamas ari mu rugendo i Kayiro mu Misiri mu biganiro. Abanyagihugu bo muri Gaza bizeye ko bizotanga agahengwe, kazotuma ibitero bikomeye kuri ico gisagara, Isirayeri ifise umugambi wo gukora, bitaba.

Abategetsi bajejwe amagara y’abantu mu ntara ya Gaza batangaje ko abantu 97 basize ubuzima muri ivyo bitero, mu gihe abandi 130 bakomeretse cane. Yamara hari n’abataratorwa bashobora kuba baguweko n’impome. Vyongeye, umusigiti uzwi cane, al- Farouk warasambuwe n’ivyo bitero.

Isirayeri yararahiye ko izokora ibitero simusiga mu ntara ya Gaza, naho amakungu arimwo igihugu bicuditse ca Amerika, yakomeje guhanura ko ibitero nk’ivyo bishobora guhitana abantu isinzi.

Ibiganiro vyo guhagarika ingwano ntaco vyavuyemwo mu ndwi iheze, inyuma y’aho Isirayeri yankiye umugambi w’agahengwe, wari washikirijwe na Hamas. Ni umugambi wasaba ko hoba agahengwe k’amezi ane n’inusu, koshikana impande zompi ku masezerano yo guhagarika ingwano.

Abanyepalestina Bamaze Kugwa mu Ntambara ya Hamas na Isirayeri Barenze Ibihumbi 29

Inteko za Israyeri, kuri uyu wa mbere, zakoze ibitero y'indege z'ingwano hamwe n'ibitero vyo ku butaka mu bumanuko bw'intara ya Gaza. Ni mu gihe abategetsi bajejwe amagara y'abantu muri iyo ntara batangaje ko igitigiri c'Abanyapalestina bamaze kwicwa muri iyo ntara kuva mu kwezi kw'icumi mu mwaka urangiye kimaze kurenga 29,000.

Ubushikiranganji bujejwe amagara y’abantu mu butegetsi bwa Hamas bwatangaje ko abantu 107 bishwe mu kiringo c’umusi urangiye mu gihe igitigiri c’abantu bakomeretse mu bitero vya Israyeri mu ntara ya Gaza bagera ku 69,000. Ubwo bushikiranganji bwavuze ko bibiri vya gatatu vy’abishwe n’abakomeretse ari abapfasoni n’abana.

Igisirikare ca Israyeri, kuri uyu wa mbere, catangaje ko cakoze ibitero mu gisagara ca Khan Younis. Ni mu gihe amakungu abandanya kugira impungenge zikomeye ku mugambi wa Israyeri wo gukora ibitero mu gisagara ca Rafah.

Abategetsi ba Israyeri batangaje ko niyo umurwi Hamas utarekura abo ukugize imbohe mu ntara ya Gaza imbere y’ikiringo c’iramazani, ingwanao izobandanya mu karere ka Rafah. Bitegekanijwe ko ikiringo c’iramazani gitangura kw’italiki 10 y’ukwezi kwa gatatu.

Umushikiranganji wa mbere wa Israyeri, Benjamin Netanyahu, ku musi w’Imana, yavuze ko Israyeri ifise imigambi yo kurangiza igikorwa cayo co kuzimanganya umurwi Hamas.
Israyeri, yariyamirije kandi akamo katewe n’amakungu harimwo Reta Zunze Ubumwe za Amerika, ko kwemera ko haba igihugu ca Palestina. Israyeri yavuze ko amasezerano nkayo yoshikwako biciye mu biganiro. (VOANEWS)

CPI Irakora Amaperereza ku Byaha Byakorewe muri Gaza

Umushinjacyaha mukuru w’Urukiko mpuzamahanga mpanabyaha (CPI) Karim Khan
Umushinjacyaha mukuru w’Urukiko mpuzamahanga mpanabyaha (CPI) Karim Khan

Umushinjacyaha mukuru w’Urukiko mpuzamahanga mpanabyaha (CPI), Karim Khan, yatangaje ko ahangayikishijwe n'uko ingabo za Isirayeri zikomeje kurasa ibisabu bya rutura ku mujyi wa Rafah kandi zikaba zishobora kuhagaba ibitero byo ku butaka.

Karin Khan yatangaje ubutumwa bwe abunyunjije ku rubuga rwa X kuri uyu wa mbere. Yongeye kuvuga ko CPI ikomeje amaperereza ku byaha bishobora kuba byarakorewe mu ntara ya Gaza kandi ko abakoze ibikorwa binyuranije n’amategeko bazabikurikiranwaho.

Khan yasabye ko abajyanywe bunyago bose n’umutwe wa Hamasi nyuma y’igitero wakoze muri Isirayeri barekurwa. Yongeraho ati: “ibi na byo biri mu byo dukoraho iperereza”.

Ibiro bya Minisitiri w’intebe wa Isirayeri, Benjamin Netanyahu, byatangaje ko batayo enye z’umutwe wa Hamasi ziri mu mujyi wa Rafah, aho abantu ibihumbi amagana bahungiye baturutse mu majyaruguru babaho nabi cyane kandi badafite aho bahungira.

Isirayeri iravuga ko idashobora kurandura umutwe wa Hamasi abo baturage bagihari. Ikavuga ko bakwiye kuvanywa mu karere kaberamo imirwano.

Isirayeri si umunyamuryango w’urukiko mpuzamahanga mpanabyaha CPI) kandi ntabwo irwemera. Ariko Umushinjacyaha mukuru warwo, Karim Khan, yatangaje mu kwezi kwa cumi umwaka ushize ko urukiko rufite ubushobozi bwo gukurikirana ibyaha byakozwe na Hamasi muri Isirayeri n’ibyakozwe na Isirayeri mu ntara ya Gaza.

Intambara ya Hamas na Isirayeri mu za Mbere Zimaze Guhitana Abamenyeshamakuru Benshi

Abahinga bakwirikiranira hafi politike bavuga ko ingwano hagati ya Israyeri n'umurwi Hamas ari yo ngwano igeramiye bikomeye abakora imirimo yo gutangaza makuru, kurusha izindi ntambara zabaye mu bihe vya vuba.

Abamenyeshamakuru mu ntara ya Gaza bavuga ko igitigiri kiri hejuru c'abantu bapfa bituma amakuru yose batangaza aba afise akamaro gakomeye cane. Abo bahinga bavuga yamara ko mu gihe abamenyeshamakuru babandanya kwicwa, kandi ingwano na yo mu ntara ya Gaza ibandanya gukomera kurushiriza, ubushobozi bwabo bwo gutanga amakuru na bwo nyene buriko buragabanuka mu buryo bwihuta.

Abamenyeshamakuru batari bake mu ntara ya Gaza baba mu gisagara ca Rafah, hafi y’urubibe n’igihugu ca Misiri, muri iki gihe.

Abantu baba muri ico gisagara bariyongeye incuro zirenga zitanu kuva ingwano hagati ya Isirayeri n’umurwi Hamas itanguye mu kwezi kw’icumi mu mwaka urangiye w’i 2023.

Ababa mu ntara ya Gaza babandanya guhungira mu gisagara ca Rafah mu gihe inteko za Isirayeri zibandaya gutera zija mu bumanuko bwa Gaza.

Abamenyeshamakuru bakorera mu bumanuko bw’intara ya Gaza bavuga ko inkuru zose bashikiriza ari iza nyuma batanze ari bazima. Ivyo kandi birashikiriza n’abantu batandukanye barimwo abaja kurondera ibifungurwa mu masoko, canke abagiye mu bitaro kurondera ababo, batarakubita ijisho kuva ingwano itanguye.

Umumenyeshamakuru w’Umunyapalestina, Motasem Mortaja, yavuze ko gutohoza no kwegeranya amakuru mu ntara ya Gaza ari igikorwa kitoroshe. Yasiguye ko umuntu ashobora kwicwa ariko atanga amakuru canke ariko afata amasanamu ajanye n’igikorwa co gutangaza amakuru.

Motasem Mortaja agira ati: Ibintu ntivyoroshe na gato mu ntara ya Gaza. Gutohoza no kwegeranya amakuru muri iyo ntara n’igikorwa kitoroshe na gato. Umuntu arashobora kwicwa ariko atangaza amakuru ayariyo yose canke ariko afata amasanamu ayariyo yose agenewe gutangaza amakuru.

Ibiharuro bitangwa vyerekana ko igitigiri c’abamenyeshamakuru bamaze kwicwa mu ntara ya Gaza kirenga ic’abishwe mu zindi ngwano izo ari zo zose zabaye mu bihe vya vuba.

Ishirahamwe rijejwe gukingira abamenyeshamakuru kw’isi, “Committee to Protect Journalists, CPJ, mu mpfunyapfunyo, ryatangaje ko abamenyeshamakuru bamaze kwicwa mu ntara ya Gaza ari 85.

Ishirahamwe mpuzamakungu ONU rivuga ko ari 122 bamaze kwicwa. Abamenyeshamakuru bakorera mu ntara ya Gaza bo bavuga ko ico gitigiri cashitse kw’i 130 kuva ibitigiri vya nyuma bishizwe ahabona. (VOANEWS)

Isirayeri Ivuga ko Yishe Abarwanyi ba Hamas Bagera kuri 40

Ifoto y'igisagara ca Khan Younis, Isirayeri ivuga ko yagandaguriyemwo abarwanyi 40 ba Hamas
Ifoto y'igisagara ca Khan Younis, Isirayeri ivuga ko yagandaguriyemwo abarwanyi 40 ba Hamas

Isirayeri, kuri uyu wa kane, yatangaje ko yakoze ibitero ku barwanyi b'umurwi Hamas mu buraruko no mu bumanuko bw'intara ya Gaza.

Ni mu gihe ubushikiranganji bujejwe amagara y'abantu buyobowe n'umurwi Hamas muri Gaza bwavuze ko igitero c'indege y'ingwano ya Israyeri mu gisagara ca Rafah cishe abantu 16.

Ubushikiranganji bujejwe amagara y’abantu buyobowe n’umurwi Hamas mu ntara ya Gaza bwavuze ko ico gitero mu gisagara ca Rafah casambuye inyubakwa. Abajejwe ubuvuzi batangaje ko umunani muri abo 16 bishwe muri ico gitero, ari abana.

Igisirikare ca Isirayeri cavuze ko inteko zaco zishe abarwanyi ba Hamas bagera kuri 40 mu gice ca Khan Younis, mu bumanuko bw’intara ya Gaza. Camenyesheje ko abandi barwanyi ba Hamas batari bake basize ubuzima mu bitero vyakozwe n’inteko zirwanira ku butaka n’izirwanira mu kirere mu buraruko bw’intara ya Gaza.

Isirayeri yatangaje kandi ko yakoze ibitero vy’indege z’ingwano mu bumanuko bwa Libani. Yavuze ko ivyo bitero vyakozwe mu bibanza vy’umurwi Hezbollah, ucuditse n’umurwi Hamas.

Urubibe hagati ya Libani na Isirayeri rwarabereyemwo ibitero bitari bike hagati ya Isirayeri n’umurwi Hezbollah kuva ingwano itangura mu ntara ya Gaza.

Ibitero vy’indege z’ingwano n’ivy’inteko zigwanira ku butaka za Isirayeri mu ntara ya Gaza, vyarasinzikaje bikomeye ibice bitari bike muri iyo ntara vyongera bihitana Abanyapalestina barenga 24.400, abandi batari musi y’i 60.000 barakomereka.

Ibi biharuro bitangazwa n’ubushikiranganji bujejwe amagara y’abantu buyobowe n’umurwi Hamas mu ntara ya Gaza. (VOANEWS)

Ibitero vy’Indege vya Israyeri muri Gaza Birabandanya 

Ibitero vy’indege vya Israyeri muri Gaza birandanya muri iki, ubushikiranganji bujejwe amagaray’abantu muri Gaza, bwatangake ko abanyagihugu bamaze kugwa muri iyo ntambara barenze ibihumbi 24.

Kuri uno musi wa mbere ubushikiranganji bujejwe amagara mu ntara ya Gaza bwatangaje ko ivyo bitero vya Isirayeri vyakozwe kuva ejo vyishe abantu 130.

Igisirikare ca Isirayeri co cavuze ko ibitero vyaco vyahitanye abagwanyi batanu ba Hamas mu buraruko bwa Gaza, kivuga ko “bariko bagerageza kurondera ibirwanisho”.

Cavuze kandi ko ivyo bitero vyo mu kirere n’ivyo ku butaka cakoze vyasambuye ububiko bw’ibirwanisho buri mu bumanuko mu karere ka Khan Younis.

Ubushikiranganji bw’amagara y’abantu muri Gaza ntibutandukanya urupfu rw’abagwanyi n’abasivile mu bitigiri vyabwo, kuri uno musi wa mbere. Bwavuze ko igitogiri c’abantu bishwe n’ibitero vya Isirayeri kimaze gushika ku bihumbi 24.100.

Uyu musi ku wa mbere kandi, umushikiranganji wa Ostrariya, Penny Wong, yasavye ko hofatwa ingingo yo gushira ibigwanisho hasi n’iyo kugarukana amahoro muri Gaza. (VOA News)

Urubanza Afurika y'Epfo Iregamwo Isirayeri Gukora Ihonyabwoko muri Gaza Rwatanguye Kwumvirizwa

Ambasaderi wa Afurika y'Epfo muri Isirayeri
Ambasaderi wa Afurika y'Epfo muri Isirayeri

Abacamanza muri sentare mpuzamakungu ijejwe ubutungane, kuri uyu wa kane, batanguye imisi ibiri yo kwumviriza urubanza rwashingishijwee na Afrika y'epfo aho ico gihugu cagiriza Israyeri ko yakoze ihonyabwoko mu ngwano mu ntara ya Gaza.

Abo bacamanza, kuri uyu wa kane, batanguye kwumviriza imisi ibiri y’urwo rubanza rwashingishijwe na Afrika y’epfo aho ico gihugu cagiriza Isirayeri ko yakoze ihonyanbwoko mu ngwano iriko ikora mu ntara ya Gaza.

Afrika y’epfo isaba sentare mpuzamakungu ijejwe ubutungane gusaba ihagarikwa vyihutirwa ry’ibitero Isirayeri iriko ikora mu ntara ya Gaza.

Mu rubanza Afrika y’epfo yashingishije, isaba kandi sentare mpuzamakungu ijejwe ubutungane gukwirikirana Isirayeri kubera yarenze ku masezerano mpuzamakungu arwanya ihonyabwoko, no gukora ibishobotse vyose kugira ngo Abanyapalestina mu ntara ya Gaza bakingiwe mu buryo bwose bushoboka vyihutirwa.

Afrika y’epfo ivugako babandanya kugeramirwa n’ibikorwa vy’ihonyabwoko. Isirayeri yarateye ivyatsi ivyo birego, ivuga ko bitagira ishingiro. Umushikiranganji wa mbere wa Isirayeri, Benjamin Netanyahu, ku musi wa gatatu, yatangaje ko inteko z’igihugu ciwe ziriko zikora ibishoboka vyose kugira zirinde kwica abasivile.

Yagirije abarwanyi b’umurwi Hamas ko bakoresha abasivile nk’inkino. Netanyahu yavuze ko Isirayeri iriko irwanya abagira iterabwoba bo mu murwi Hamas, ko itari mu ntambara n’Abanyapalestina. Yavuze ko muri urwo rugamba barimwo bisunga amategeko mpuzamakungu. (VOANEWS)

Malawi Iriko Irungika Urwaruka mu Kazi ko Kurima muri Isirayeri

Ino shusho ni ngereranyo. Ntiyerekana abavugwa muri ino nkuru bariko bararima muri Isirayeri. Abo yerekana, ni abari mu mirima ya Isirayeri batari abavugwa muri ino nkuru.
Ino shusho ni ngereranyo. Ntiyerekana abavugwa muri ino nkuru bariko bararima muri Isirayeri. Abo yerekana, ni abari mu mirima ya Isirayeri batari abavugwa muri ino nkuru.

Leta ya Malawi iri kohereza urubyiruko rwayo muri Isirayeli gukorayo ibikorwa by’ubuhinzi, mu gihe iki gihugu kiri mu ntambara gihanganyemo na Hamas.

Abanenga ibi bavuze ko iyi gakunda ikorwa mu ibanga kandi ibaye uburyo bushimangira ikibazo gikomeye cy’ibura ry’akazi mu gihugu.

Iyi gahunda yo kujya muri Isirayeli yitabiriwe n’umubare munini w’urubyiruko rugaragara ku mirongo miremire y’abiyandikisha, aho bizeye kuzasangaho abandi bagera kuri 600 boherejweyo binyuze muri gahunda y’ubuhinzi.

Ruth Kanchunjulu w’imyaka 23 ukomoka ahitwa Blantyre yavuze ko atacikwa n’aya mahirwe, agira ati:" Aya ni amahirwe y’ubuzima bwanjye bwose. Sinayitesha nubwo mu gice kimwe cy’igihugu hari intambara."

Kuva aho Isirayeli itangiriye intambara n’umutwe wa Hamas igahamagaza ba sekombata, ntabwo Malawi ari cyo gihugu cyonyine Isirayeli iri gushakamo abakozi bo kuziba icyuho kigaragara mu buhinzi.

Kenya nayo yohereje abaturage bayo bagera ku 1,500 mu kwezi kwa 12. Isirayeli yatangaje ko ibikorwa byo gushaka abandi bakozi bavuye muri Uganda na Tanzaniya nabyo biri mu nzira.

Gusa ikinyuranyo ni uko iyi gahunda yo kujyana abanyamalawi muri Isirayeli yo yakuruye impaka nyinshi. Michael Kaiyatsa urengera uburenganzira bwa kiremwamuntu ashinja Leta kuba ikora ibi yagaye mu ibanga.

Uyu Kaiyatsa, ni we muyobozi wungirije w’ihuriro ry’amashyirahamwe arengera uburenganzira bwa muntu akaba asaba Leta ya Isirayeli uburenganzira bwo kugera ku makuru y’uko iki gihugu kita ku banyamahanga bajyayo bajyanywe no gushaka akazi ko mu gisata cy’ubuhinzi.

Ni yo mpamvu ari ngombwa kubona ibisobanuro birambuye ku bijyanye n’ibibazo by’umutekano, ibibazo by’imishahara, imiterere y’akazi, ibyo byose bigomba gusobanurwa kugira ngo abantu bafate imyanzuro ishingiye ku makuru yuzuye.

Ministeri y’umurimo ya Malawi yavuze ko mu myaka itanu iri imbere, iteganya kohereza abantu 5,000 gukora ibikorwa by’ubuhinzi muri Isirayeli ariko biragaragara ko umubare ahubwo ushobora kwikuba gatatu.

Charles Kajoloweka, umuyobozi mukuru wa Youth and Sosiety (YAS,) umuryango uharanira uburenganzira bwa muntu nawe yumvikana asaba ko hashyirwaho amategeko asobanutse neza arebana n’iyi gahunda.

Kugeza ubu, nta mabwiriza yorohereza cyangwa ashyigikira amategeko y’aka kazi. Ubu igiteye impungenge ni uko Leta ireba uru rubyiruko nk’ibikoresho by’ubucuruzi.

Ambasaderi wa Isirayeli Michael Lotem muri Malawi aherutse kubwira ikinyamakuru cy’imbere mu gihugu ko kohereza urubyiruko gukora muri Isirayeli ari inyungu z’ibihugu byombi. Ariko kugeza mu mpera z’umwaka ushize wa 2023 amasezerano y’ubwumvikane yaratarashyirwaho umukono nk’uko byatangajwe na Moses Kunkuyu, umuvugizi wa Leta ya Malawi. Gusa, Leta yumvikanisha ko binyuze muri gahunda yo guhanahana abakozi igihugu kihabonera amadovize mu gihe urubyiruko rubonye akazi hanze.

Abarwanyi ba Hezbollah Bagavye Ibitero kw’Ikambi y’Igisirikare muri Isirayeri

Imva irimwo Wissam al-Tawil, umwe mu bategetsi ba Hezbollah
Imva irimwo Wissam al-Tawil, umwe mu bategetsi ba Hezbollah

Umurwi w’abagwanyi ba Hezbollah bakoze ibitero kw’ikambi y’igisirikare ca Israyeli inyuma y’urupfu rwa bamwe mu bategetsi babo.

Uwo mugwi ukorera muri Libani watangaje ko wakoze ivyo bitero ukoresheje utudege tutagira abadereva (Drones) kw’ikambi y’igisirikare ca Israyeli kuri uno musi wa kabiri. Hezbollah yatangaje ko vyari ibitero vyo kwihora ku rupfu rw’umukomanda wabo aheruka kwicwa.

Hamas yatangaje ko ico gitero c’amadrones cariko gitumbera ikambi ya Israyeli iri ahitwa Safed mu karere kari ku birometero 10 uvuye ku mupaka wa Israyeli na Libani.

Igisirikare ca Israyeli cavuze ko catesheje ivyo bitero vy ’utudege tutari duke twajabutse tuva mu kirere ca Libani tugana Israyeli. Israyeli ivuga kandi ko kimwe mubigisigarira vy’igisasu caguye mw’ikambi yo mu buraruko bwa Israyeli. Bavuze ko ata muntu, yakomeretse kandi ko atacononekaye.

Abajejwe umutekano muri Israyeli batangaje ko igitero c’indege ya Israyeli itagira umuderava carashe imodoka yari iri mu bumanuko bwa Libani, gihitana abantu batatu.

Ivyo bibaye inyuma y’umusi umwe Israyeli ikoze igitero mu bumanuko bwa Libani. Ico gitero cahitana umwe mu bakomanda b’abagwanyi ba Hezbollah azwi nka Wissam al-Tawil. Abategetsi bavuga ko yari afise uruhara rukomeye mu gutungnaya ibikorwa vya gisirikare vya Hezbollah, muri ako karere.

Umushikiranganji w'Imigenderanire y'Amerika Arahura n'Imiryango y'Abagizwe Imbohe na Hamas

Antony Blinkene akigera muri Isirayeri
Antony Blinkene akigera muri Isirayeri

Minisitiri w’ububanyi n’amahanga wa Leta zunze ubumwe z’Amerika, Antony Blinken, uri mu ruzinduko mu burasirazuba bwo hagati kuri uyu wa kabiri yagiranye ibiganiro n’abayobozi ba Isiraheli i Tel Aviv. Baganiriye ku bikwiye gukorwa kugira ngo bakumire intambara yo muri Gaza gukwira akarere.

Avugira i ruhande rwa Perezida wa Isiraheli, Isaac Herzog, Blinken yavuze ko azabonana n’imwe mu miryango y’abafashwe bugwate. Yagize ati:" Ubu ni bwo mvuye mu bihugu byo mu karere, Turukiya, Ubugereki, Yorudaniya, Katari, Emira ziyunye z’abarabu, Arabiya Sawudite, kandi ndashaka kubasha gusangira bimwe mu byo numvanye abo bayobozi barimo Perezida na minisitiri w’intebe hamwe n’abagize guverinema. Birumvikana kandi, dufite amahirwe yo kwicarana n’imiryango ya bamwe mu bafite abantu bagizwe ingwate no kuvugana ku byo dukora kugira ngo tuzagarure buri wese mu rugo no mu miryango yabo. Ikindi kandi hari ibiganiro byinshi bijyanye n’ibi, by’umwihariko ikigiye gukorwa”.

Mw’itangazo ryakurikiye ibiganiro byabaye kuwa mbere hagati ya Ministiri Blinken n’igikomangoma Mohammed bin Salman wa Arabiya Sawudite, bumvikanishije akamaro ko guhagarika ibikorwa bya gisirikare mu ntara ya Gaza. Banagaragaje ko bikenewe gushyiraho uburyo bwo kugarura amahoro n’umutekano.

Arabiya Sawudite yabaye ihagaritse ibiganiro mu rwego rwa dipolomasi, kugira ngo ibanze isubize umubano na Isiraheli mu buryo, biturutse ku bushyamirane hagati y’abarwanyi ba Hamas n’ingabo za Isiraheli. Leta zunze ubumwe z’Amerika, yasabye Isiraheli guhindura, igakora operasiyo nke za gisirikare mu ntara ya Gaza, ariko yakomeje gushyigikira Isiraheli yanga ibyo ibihugu by’abarabu bisaba ko imirwano imaze amezi atatu, ihagarara. (VOA News)

Amerika Isaba Isiraheli Kwirinda Guhungabanya Ubuzima bw’Abasivili b’Abanyepalestina

Umuvugizi wa Deparitema ya Leta y’Amerika, Matthew Miller.
Umuvugizi wa Deparitema ya Leta y’Amerika, Matthew Miller.

Umunsi umwe nyuma y’uko umuyobozi wo mu rwego rwo hejuru wa Hamas ahitanywe n’ikibonwa nka drone ya Isiraheli i Beirut, abayobozi muri Leta zunze ubumwe z’Amerika barimo kugerageza kubuza ubushyamirahe hagati ya Isiraheli na Hamas gukwirakwira, ari nako basaba Isiraheli kwirinda guhungabanya ubuzima bw’abasivili b’abanyepalestina.

Umuyobozi wungirije wa Hamas, Saleh al-Arouri yahitanywe n’igitero cya drone mu murwa mukuru wa Libani, Beyirute mw’ijoro ryo kuwa kabiri. Isiraheli ntiyigeze yemeza cyangwa ngo ihakane kumwica mu buryo bwagambiriwe.

Umuvugizi wa Deparitema ya Leta y’Amerika, Matthew Miller, kuri uyu wa gatatu, yabajijwe niba Amerika yemera ko Isiraheli yari ifite impamvu yumvikana yo kwica Arouri. Miller yasubije muri aya magambo: “Icyo navuga ni uko yari ruharwa mw’iterabwoba, afite amaraso y’abasivili ku biganza bye, kandi nta kindi ndi bwongereho.”

Inzobere zivuga zifite impungenge ko iyicwa rya Arouri, rishobora gutuma intambara ikwirakwira mu burasirazuba bwo hagati n’imishyikirano igahagarara kandi yari igamije kubohoza abantu babarirwa mu 129 basigaye, mu bafashwe bunyago na Hamas mu ntara ya Gaza.

Brian Katulis, visi perezida mu kigo gishinzwe ingamba mu burasirazuba bwo hagati, avugana n’Ijwi ry’Amerika hifashishijwe urubuga rwa Zoom, yagize ati: “Ndakeka ibi bishobora gutuma ibintu bikomera mu bijyanye n’imishyikirango yo kurekuza imbohe hamwe n’ihagarikwa ry’imirwano, kubera ko uyu muntu yari akomeye mu migendekere y’ibyo biganiro. Yabaye muri Qatar kandi ndakeka yabonwaga nk’umwe mu bantu bari bafite ijwi rikomye hariya”.

Isiraheli yagabye ibindi bitero by’indege kuri uyu wa gatatu mu ntara ya Gaza, mu gihe ingabo za Isiraheli zavuze ko zari zamenyeshejwe iby’ibitero by’umutwe w’abarwanyi bo muri Libani, wa Hezbollah, nyuma y’igitero cya drone.

WEB: Umwe mu nzobere yabwiye Ijwi ry’Amerika ko atekekereza ko Isiraheli irimo kwumva Amerika n’abandi babasaba kwinjira mu gice cy’intambara mu buryo bufite intumbero, ariko ko minisitiri w’intebe, Benjamin Netanyahu, agomba kwicara agasuzuma n’impungenge za politiki y’imbere mu gihugu. (VOA News)

Igisirikare ca Isirayeri n’Abarwanyi ba Hamas Barwaniye muri Gaza

Abasirikare ba Isirayeri n’abarwanyi b’umugi wa Hamas batanye mu mitwe mu ngwano ikomeye muri Gaza mu karere ka Al-Bureij, mu kigwati ca Khan Younis. kuri uno musi wa kabiri.

Igisirikare ca Isirayeri congeye kimenyesha ko cakoze ibitero bishasha mu bumanuko bwa Libani, aho cateye abagwanyi ba Hezbollah. Uwo mugwi w’abagwanyi usanzwe ukorana na Hamas, umaze igihe utana mu mitwe na Isirayeri mu karere ko ku mupaka w’ivyo bihugu, mu kiringo Isirayeri imaze iriko ihangana na Hamas muri Gaza.

Isirayeri itangaza kandi ko yakoze igitero ku nyubakwa y’igisirikare ca Siriya. bikorwa ku butaka bwayo ivuga ko kwabaye ukwivuna umwansi, mu bitero vyari bimaze igihe bikorwa ku butaka bwayo bituruka muri Siriya.

Ikinyamakuru ca reta ya Siriya catangaje ko ibitero vya bikorwa ku butaka Isirayeri bitari bike vyo mu kirere vyaguye mu gisagara ca Damas, aho vyononye ibitari bike.

Isirayeri ihereuka kugabisha ko mu gihe Hezbollah itohagarika ibitero vyayo ishobora gutangura intambara muri Libani. Imigwi ya Hezbollah na Hamas bishigikiwe na Irani na yo isanzwe icuditse na Siriya, Irake na Yemeni. Ivyo bihugu na vyo nyene bimaze igihe bikora ibitero kuri Isirayeri. (VOA News)

Voma ibindi

XS
SM
MD
LG