Uko wahagera

Ibitero vy’Indege vya Israyeri muri Gaza Birabandanya 


Ibitero vy’indege vya Israyeri muri Gaza birandanya muri iki, ubushikiranganji bujejwe amagaray’abantu muri Gaza, bwatangake ko abanyagihugu bamaze kugwa muri iyo ntambara barenze ibihumbi 24.

Kuri uno musi wa mbere ubushikiranganji bujejwe amagara mu ntara ya Gaza bwatangaje ko ivyo bitero vya Isirayeri vyakozwe kuva ejo vyishe abantu 130.

Igisirikare ca Isirayeri co cavuze ko ibitero vyaco vyahitanye abagwanyi batanu ba Hamas mu buraruko bwa Gaza, kivuga ko “bariko bagerageza kurondera ibirwanisho”.

Cavuze kandi ko ivyo bitero vyo mu kirere n’ivyo ku butaka cakoze vyasambuye ububiko bw’ibirwanisho buri mu bumanuko mu karere ka Khan Younis.

Ubushikiranganji bw’amagara y’abantu muri Gaza ntibutandukanya urupfu rw’abagwanyi n’abasivile mu bitigiri vyabwo, kuri uno musi wa mbere. Bwavuze ko igitogiri c’abantu bishwe n’ibitero vya Isirayeri kimaze gushika ku bihumbi 24.100.

Uyu musi ku wa mbere kandi, umushikiranganji wa Ostrariya, Penny Wong, yasavye ko hofatwa ingingo yo gushira ibigwanisho hasi n’iyo kugarukana amahoro muri Gaza. (VOA News)

Forum

XS
SM
MD
LG