Uko wahagera

Isirayeri Ivuga ko Yishe Abarwanyi ba Hamas Bagera kuri 40


Ifoto y'igisagara ca Khan Younis, Isirayeri ivuga ko yagandaguriyemwo abarwanyi 40 ba Hamas
Ifoto y'igisagara ca Khan Younis, Isirayeri ivuga ko yagandaguriyemwo abarwanyi 40 ba Hamas

Isirayeri, kuri uyu wa kane, yatangaje ko yakoze ibitero ku barwanyi b'umurwi Hamas mu buraruko no mu bumanuko bw'intara ya Gaza.

Ni mu gihe ubushikiranganji bujejwe amagara y'abantu buyobowe n'umurwi Hamas muri Gaza bwavuze ko igitero c'indege y'ingwano ya Israyeri mu gisagara ca Rafah cishe abantu 16.

Ubushikiranganji bujejwe amagara y’abantu buyobowe n’umurwi Hamas mu ntara ya Gaza bwavuze ko ico gitero mu gisagara ca Rafah casambuye inyubakwa. Abajejwe ubuvuzi batangaje ko umunani muri abo 16 bishwe muri ico gitero, ari abana.

Igisirikare ca Isirayeri cavuze ko inteko zaco zishe abarwanyi ba Hamas bagera kuri 40 mu gice ca Khan Younis, mu bumanuko bw’intara ya Gaza. Camenyesheje ko abandi barwanyi ba Hamas batari bake basize ubuzima mu bitero vyakozwe n’inteko zirwanira ku butaka n’izirwanira mu kirere mu buraruko bw’intara ya Gaza.

Isirayeri yatangaje kandi ko yakoze ibitero vy’indege z’ingwano mu bumanuko bwa Libani. Yavuze ko ivyo bitero vyakozwe mu bibanza vy’umurwi Hezbollah, ucuditse n’umurwi Hamas.

Urubibe hagati ya Libani na Isirayeri rwarabereyemwo ibitero bitari bike hagati ya Isirayeri n’umurwi Hezbollah kuva ingwano itangura mu ntara ya Gaza.

Ibitero vy’indege z’ingwano n’ivy’inteko zigwanira ku butaka za Isirayeri mu ntara ya Gaza, vyarasinzikaje bikomeye ibice bitari bike muri iyo ntara vyongera bihitana Abanyapalestina barenga 24.400, abandi batari musi y’i 60.000 barakomereka.

Ibi biharuro bitangazwa n’ubushikiranganji bujejwe amagara y’abantu buyobowe n’umurwi Hamas mu ntara ya Gaza. (VOANEWS)

Forum

XS
SM
MD
LG