Uko wahagera

Igisirikare ca Isirayeri n’Abarwanyi ba Hamas Barwaniye muri Gaza


Abasirikare ba Isirayeri n’abarwanyi b’umugi wa Hamas batanye mu mitwe mu ngwano ikomeye muri Gaza mu karere ka Al-Bureij, mu kigwati ca Khan Younis. kuri uno musi wa kabiri.

Igisirikare ca Isirayeri congeye kimenyesha ko cakoze ibitero bishasha mu bumanuko bwa Libani, aho cateye abagwanyi ba Hezbollah. Uwo mugwi w’abagwanyi usanzwe ukorana na Hamas, umaze igihe utana mu mitwe na Isirayeri mu karere ko ku mupaka w’ivyo bihugu, mu kiringo Isirayeri imaze iriko ihangana na Hamas muri Gaza.

Isirayeri itangaza kandi ko yakoze igitero ku nyubakwa y’igisirikare ca Siriya. bikorwa ku butaka bwayo ivuga ko kwabaye ukwivuna umwansi, mu bitero vyari bimaze igihe bikorwa ku butaka bwayo bituruka muri Siriya.

Ikinyamakuru ca reta ya Siriya catangaje ko ibitero vya bikorwa ku butaka Isirayeri bitari bike vyo mu kirere vyaguye mu gisagara ca Damas, aho vyononye ibitari bike.

Isirayeri ihereuka kugabisha ko mu gihe Hezbollah itohagarika ibitero vyayo ishobora gutangura intambara muri Libani. Imigwi ya Hezbollah na Hamas bishigikiwe na Irani na yo isanzwe icuditse na Siriya, Irake na Yemeni. Ivyo bihugu na vyo nyene bimaze igihe bikora ibitero kuri Isirayeri. (VOA News)

Forum

XS
SM
MD
LG