Abacamanza muri sentare mpuzamakungu ijejwe ubutungane, kuri uyu wa kane, batanguye imisi ibiri yo kwumviriza urubanza rwashingishijwee na Afrika y'epfo aho ico gihugu cagiriza Israyeri ko yakoze ihonyabwoko mu ngwano mu ntara ya Gaza.
Abo bacamanza, kuri uyu wa kane, batanguye kwumviriza imisi ibiri y’urwo rubanza rwashingishijwe na Afrika y’epfo aho ico gihugu cagiriza Isirayeri ko yakoze ihonyanbwoko mu ngwano iriko ikora mu ntara ya Gaza.
Afrika y’epfo isaba sentare mpuzamakungu ijejwe ubutungane gusaba ihagarikwa vyihutirwa ry’ibitero Isirayeri iriko ikora mu ntara ya Gaza.
Mu rubanza Afrika y’epfo yashingishije, isaba kandi sentare mpuzamakungu ijejwe ubutungane gukwirikirana Isirayeri kubera yarenze ku masezerano mpuzamakungu arwanya ihonyabwoko, no gukora ibishobotse vyose kugira ngo Abanyapalestina mu ntara ya Gaza bakingiwe mu buryo bwose bushoboka vyihutirwa.
Afrika y’epfo ivugako babandanya kugeramirwa n’ibikorwa vy’ihonyabwoko. Isirayeri yarateye ivyatsi ivyo birego, ivuga ko bitagira ishingiro. Umushikiranganji wa mbere wa Isirayeri, Benjamin Netanyahu, ku musi wa gatatu, yatangaje ko inteko z’igihugu ciwe ziriko zikora ibishoboka vyose kugira zirinde kwica abasivile.
Yagirije abarwanyi b’umurwi Hamas ko bakoresha abasivile nk’inkino. Netanyahu yavuze ko Isirayeri iriko irwanya abagira iterabwoba bo mu murwi Hamas, ko itari mu ntambara n’Abanyapalestina. Yavuze ko muri urwo rugamba barimwo bisunga amategeko mpuzamakungu. (VOANEWS)
Forum