Uko wahagera

Abanyepalestina Bamaze Kugwa mu Ntambara ya Hamas na Isirayeri Barenze Ibihumbi 29


Inteko za Israyeri, kuri uyu wa mbere, zakoze ibitero y'indege z'ingwano hamwe n'ibitero vyo ku butaka mu bumanuko bw'intara ya Gaza. Ni mu gihe abategetsi bajejwe amagara y'abantu muri iyo ntara batangaje ko igitigiri c'Abanyapalestina bamaze kwicwa muri iyo ntara kuva mu kwezi kw'icumi mu mwaka urangiye kimaze kurenga 29,000.

Ubushikiranganji bujejwe amagara y’abantu mu butegetsi bwa Hamas bwatangaje ko abantu 107 bishwe mu kiringo c’umusi urangiye mu gihe igitigiri c’abantu bakomeretse mu bitero vya Israyeri mu ntara ya Gaza bagera ku 69,000. Ubwo bushikiranganji bwavuze ko bibiri vya gatatu vy’abishwe n’abakomeretse ari abapfasoni n’abana.

Igisirikare ca Israyeri, kuri uyu wa mbere, catangaje ko cakoze ibitero mu gisagara ca Khan Younis. Ni mu gihe amakungu abandanya kugira impungenge zikomeye ku mugambi wa Israyeri wo gukora ibitero mu gisagara ca Rafah.

Abategetsi ba Israyeri batangaje ko niyo umurwi Hamas utarekura abo ukugize imbohe mu ntara ya Gaza imbere y’ikiringo c’iramazani, ingwanao izobandanya mu karere ka Rafah. Bitegekanijwe ko ikiringo c’iramazani gitangura kw’italiki 10 y’ukwezi kwa gatatu.

Umushikiranganji wa mbere wa Israyeri, Benjamin Netanyahu, ku musi w’Imana, yavuze ko Israyeri ifise imigambi yo kurangiza igikorwa cayo co kuzimanganya umurwi Hamas.
Israyeri, yariyamirije kandi akamo katewe n’amakungu harimwo Reta Zunze Ubumwe za Amerika, ko kwemera ko haba igihugu ca Palestina. Israyeri yavuze ko amasezerano nkayo yoshikwako biciye mu biganiro. (VOANEWS)

Forum

XS
SM
MD
LG