Uko wahagera

Igitigiri Kinini c'Abamaze Kurwa mu Ntambara ya Hamas na Isirayeri ni Abasivile


Amwe mi Mafoto y'abamaze kurwa mu ntambara ya Hamas na Isirayeri
Amwe mi Mafoto y'abamaze kurwa mu ntambara ya Hamas na Isirayeri

Benny Gantz, umwe mu baza imbere mu bagize umurwi ujejwe ivy’inrwano muri Isirayeri uno munsi kuri uno wa mbere arahura n’indongozi zitandukanye z’Amerika.

Imibonano yiwe n'indongozi za Amerika iza kubera I Washington DC. Iza kuba igamije kwiga ingene hoboneka agahengwe k’intambara hagati ya Hamas na Isirayeri n’ingene imfashanyo zo mu ntara ya Gaza zokwiyongera.

Umutegetsi wo mu biro vya prezida w’Amerika yatanze ano makuru ntashime ko amazina yiwe atangazwa, yavuze ko Benny Gantz aza kubonana na visi prezida w’Amerika, Kamala Harris, umuhanuzi mukuru mu vy’umutekano mu biro vya prezida w’Amerika, Jake Sullivan, hamwe n’umushikiranganji ajejwe imigenderanire y’Amerika, Antony Blinken.

Uwo mutegetsi wo mu biro vya prezida w’Amerika yabwiye abamenyeshamakuru ko ikiranga minsi c’ivyo visi prezida w’Amerika aza kubwira Benny Gantz, harimwo kwibutsa Isirayeri uburenganzira ifise bwo kwivuna ico Amerika yita “ agasomborotso kavanze n’iterabwoba rya Hamas, no kwibutsa ko ari ngombwa ko haboneka amasezerano atuma imbohe zirekurwa, imfashanyo zikagwira kandi zigashika vyoroshe mu ntara ya Gaza.

Ejo ku wa Mungu, ibiganiro bigamije gutanga agahengwe mu ntambara ya Hamas na Isirayeri vyarongeye gutangura. Vyabereye muri Misiri, bishimikira ahanini ku gahengwe koboneka mu kwezi kweranda bw’aba Isilamu, kuzotangura igenekerezo rya 10 canke rya 11 z’uku kwezi kwa gatatu.

Mu gihe intambara ya Hamas na Isirayeri iriko yinjira mu kwezi kwayo kwa gatandatu, Ubushikiranganji bw’amagara y’abantu muri Gaza, buvuga ko abamaze kuyirwamwo bababa ibihumbi 30 n’amajana atanu. Benshi muri abo, ni abasivile nkuko ubwo bushikiranganji bubandanya kubivuga.

Ibiharuro itororokanirizo ry’amakuru y’Abafaransa, AFP, rikura mu bayobozi ba Isirayeri vyemeza ko ku ruhande rwa Isirayeri, abamaze kurwa muri iyi ntambara ari 1160. Aba, bagwiriyemwo abasivile. Abanyurujwe na Hamas muri rusangi ni 250, barimwo 130 bakigizwe imbohe. Muri aba, 31 boba baramaze kwicwa.

Hagati aho, ku munsi wa gatandatu, Amerika ikoresheje indege za gisirikare, yaramanuriye muri Gaza imfashanyo zigera ku mifuko ibihumbi 30 irimwo imfungurwa. Ni ubwa mbere Amerika ikoze ico gikorwa co gutiburira imfashanyo muri Gaza yifashishije indege za gisiriikare.

Forum

XS
SM
MD
LG