Uko wahagera

Isirayeri Hamas

Ibitero Isirayeri Yagavye muri Rafah Vyahitanye Abantu 97 Bisenyura Amazu Menshi

Amwe mu mazu yasenyuwe n'ibitero vya Isirayeri mu gisagara ca Rafah
Amwe mu mazu yasenyuwe n'ibitero vya Isirayeri mu gisagara ca Rafah

Indege z’ingwano za Isirayeri zakoze ibitero mu gisagara ca Rafah, muri Palestina, bisenyura amazu atari make. Abahatuye bavuze ko baraye batagohetse kandi ko ata bitero bikomeye nk’ivyo bari bwabone.

Ivyo bitero vyabaye kandi mu gihe umukuru wa Hamas ari mu rugendo i Kayiro mu Misiri mu biganiro. Abanyagihugu bo muri Gaza bizeye ko bizotanga agahengwe, kazotuma ibitero bikomeye kuri ico gisagara, Isirayeri ifise umugambi wo gukora, bitaba.

Abategetsi bajejwe amagara y’abantu mu ntara ya Gaza batangaje ko abantu 97 basize ubuzima muri ivyo bitero, mu gihe abandi 130 bakomeretse cane. Yamara hari n’abataratorwa bashobora kuba baguweko n’impome. Vyongeye, umusigiti uzwi cane, al- Farouk warasambuwe n’ivyo bitero.

Isirayeri yararahiye ko izokora ibitero simusiga mu ntara ya Gaza, naho amakungu arimwo igihugu bicuditse ca Amerika, yakomeje guhanura ko ibitero nk’ivyo bishobora guhitana abantu isinzi.

Ibiganiro vyo guhagarika ingwano ntaco vyavuyemwo mu ndwi iheze, inyuma y’aho Isirayeri yankiye umugambi w’agahengwe, wari washikirijwe na Hamas. Ni umugambi wasaba ko hoba agahengwe k’amezi ane n’inusu, koshikana impande zompi ku masezerano yo guhagarika ingwano.

See all News Updates of the Day

ONU Yemeje Ingingo Zishobora Gutuma Haboneka Agahengwe mu Ntambara ya Hamas na Isirayeri

Abari mu nama yemerejwemwo ingingo zishobora gutuma haboneka agahengwe k'intambara
Abari mu nama yemerejwemwo ingingo zishobora gutuma haboneka agahengwe k'intambara

Akanama ka ONU kajejwe umutekano kemeje ingingo zitegeka agahengwe k’intambara hagati ya Hamas na Isirayeri.

Ingingo zemejwe zari zatanzwe na Amerika, zigizwe n’ibice bitatu: Ica mbere gitegeka ko agahengwe k’intambara kabwirizwa gushirwa mu ngiro bidatevye, imbohe z’intambara zirimwo abana abageze mu zabukuru n’abakomeretse zikarekurwa.

Igice ca mbere c’izo ngingo kirimwo kandi ko ibisigarira vy’imbohe z’intambara zagandaguwe bibwirizwa gusubizwa imiryango ya banyakiwigendera, ingabo za Isirayeri zikava mu burere burimwo abantu benshimu ntara ya Gaza, abanyapalestina bagahabwa uburenganzira bwo gusubira mu mihana yabo, abagira neza nabo bakoroherezwa mu gushikana imfashanyo ku bazikeneye.

Igice ca kabiri c’izo ngingo gitegeka guhagarika intambara, ingabo za Isirayeri zikava burundu mu ntara ya Gaza. Igice ca gatatu naco, kirimwo ko haca hatangura imigambi y’igihe kirekire igamije gusanura intara ya Gaza, ibisigarira vyose vy’imbohe z’intambara bizoba bigisigaye muri Gaza ico gihe bigatahukanwa muri Isirayeri.

Ku bihugu 15 bigize akanama ka ONU, 14 vyose birimwo Ubushinwa vyemeje izo ngingo. Uburusiya bwashimye kutagira ico buyivugako.
Ambasaderi wa Amerika muri ONU, Linda Thomas-Greenfield, yishimiye ingingo zatowe avuga ko amakungu “ahisemwo amahoro,”

Mu gihe Isirayeri yari yashimagije ingingo zatanzwe na Amerika imbere y’uko zemezwa, umurwi wa Hamas wasohoye itangazo uvuga ko nawo nyene wakiriye neza ingingo zitegeka agahengwe k’intambara.
Ubumwe bwa Buraya, nabwo nyene bwashimye, buca bugirako busaba impande zose kubahiriza ibiri muri izo ngingo.

Papa Fransisiko Akomeje Gusabira Abanyapalestina Gutabarwa

Papa yasabye umuryango mpuzamahanga kwita ku kibazo cy'abanyapalestina bari mu kaga batewe n'intambara Hamas ihanganyemo na Isirayeli
Papa yasabye umuryango mpuzamahanga kwita ku kibazo cy'abanyapalestina bari mu kaga batewe n'intambara Hamas ihanganyemo na Isirayeli

Papa Francisiko yaraye asabye umuryango mpuzamahanga gufata ikibazo cyo gufasha abanyegaza nk’ikihutirwa ndetse hakoroshwa uburyo bwose bagezwaho imfashanyo.

Ntabwo ari ubwa mbere Papa Francisiko yumvikanye asabira abanyapalestina gufashwa. Uyu munsi ku cyumweru, yongeye kwibutsa umuryango mpuzamahanga ko abanyepalestina bari i Gaza bakeneye kwitabwaho, bagahabwa imfashanyo. Avuze ibi mbere y’inama mpuzamahanga ijyanye n’iby’ubutabazi izabera muri Yorudaniya.

Biteganijwe ko iyi nama izaba ku itariki ya 11 y’uku kwezi kwa gatandatu ku bufatanye bw’Umuryango w’abibumbye ONU n’igihugu cya Misiri. Ibiro by’Umwami wa Yorudaniya, byanditse ku rukuta rwa X, ko intego y’iyi nama yihutirwa ari ugushyiraho uburyo bw’ubutabazi nyuma y’amakimbirane yatumye habaho guhangana hagati ya Hamas na Isirayeli.

Bitaganijwe kandi ko Ministiri w’ububanyi n’amahanga w’Amerika Antony Blinken azakorera uruzinduko mu burasirazuba bwo hagati muri iki cyumweru tugiye gutangira. Blinken azaba agiye gusa nk’ushyira igitutu kuri Isirayeli na Hamas, ngo bemera icyifuzo cyo guhagarika intambara cyatanzwe na Perezida Joe Biden mu cyumweru gishize.

Ministeri y’ubuzima y’i Gaza yatangaje ko iyi ntambara imaze guhitana abantu 36,000, abandi benshi bashonje ndetse uduce hafi ya twose twabaye amatongo.

Isirayeli Yabohoye Abaturage Bayo 4 Bari Barafashwe na Hamas, Yica Abanyapalestina Barenga 200

Isirayeli yagabye igitero i Gaza mu nkambi irimo impunzi ibohoza abaturage bayo bane bari mu bandi benshi bafashweho ingwate na Hamas, iki gitero cyaguyemo abanyapalestina 210.
Isirayeli yagabye igitero i Gaza mu nkambi irimo impunzi ibohoza abaturage bayo bane bari mu bandi benshi bafashweho ingwate na Hamas, iki gitero cyaguyemo abanyapalestina 210.

Ejo kuwa gatandatu, Isirayeli yavuze ko yatahuye abaturage bayo bari mu nkambi y’i Gaza bari barafashweho ingwate. Ibiro bishinzwe gutangaza amakuru ku ruhande rwa Hamas byatangaje ko iki gitero cyahitanye abanyapalestina 210, abandi benshi bagakomereka.

Nyuma y’iki gitero gifatwa nk’igikomeye ku ruhande rwa Isirayeli, abanyapalestina batangiye kubarura ibyangiritse bitari abantu babo bahaguye n’abakomeretse. Abapfuye bose hamwe barabarirwa muri 210, mu gihe nta mubare w’abakomeretse watangajwe ariko babarirwa mu magana. Muri iyi nkambi iri ahitwa Nuseirat, Isirayeli yatangaje ko yahakuye abantu bayo 4 bakiri bazima.

Umuturage witwa Khalil Al-Tahrawi, wabonye uko iki gitero cyagenze yabwiye ibiro ntaramakuru by’abafaransa AFP ko harashwe amasasu menshi cyane kandi mu byerekezo byose hanyuma, umugabo umwe mu bari mu iduka agakomereka cyane, bikaza kurangira apfuye.

Igisirikare cya Isirayeli cyo cyavuze ko abantu cyatahukanye, bari bafite ubuzima bwiza. Abo ni Noa Argamani, Almog Meir, Andrey Kozlov na Shilomi Ziv. Bose

bakaba barafashwe na Hamas mu gitero yagabye kuri Isirayeli kuya 7 y’ukwezi kwa 10 umwaka ushize bari ahantu bagiye muri cinema. Igisirikare cya Isirayeli cyakomeje kuvuga ko ubu hasigaye 116 muri 251 bose bashimutswe, ariko bikaba bimaze kumenyakana ko 41 muri bo bapfuye.

Kuwa gatandatu, i Tel Aviv muri Isirayeli hari hongeye kuba imyigaragambyo isaba Ministiri w’intebe Benjamini Netanyahu bamusaba amasezerano yo gucyura abafashweho ingwate. Perezida w’Amerika Joe Biden yashimiye iki gikorwa cyo kubohoza aba banyesirayeli avuga ko Amerika itazigera ihagarara kugeza imfungwa zose zirekuwe kandi hagashyirwaho amasezerano yo guhagarika intambara.

ONU mu Nama yo Kwihweza Umutekano wa Rafah

Urwego rwa ONU rujejwe kwubahiriza amahoro n'umutekano kw'isi, kuri uyu wa kabiri, rwatunganije inama yo kwihweza ukuntu ibintu vyifashe mu gisagara ca Rafah. Ni inyuma y'uko ibitero vy'indege z'ingwano za Israyeri bihitanye Abanyapalestina 45 bari mw'ikambi y'impunzi, vyongera bikomeretsa abandi 200.

Imbere y’uko abagize urwego rwa ONU rujejwe amahoro n’umutekano kw’isi bahura, abajejwe ubuvuzi n’ababa mu karere ka Rafah, batangaje ko ibindi bitero vy’indege z’ingwano za Israyeri vyabaye kuri uyu wa kabiri mw’ikambi irimwo Abanyapalentina. Iyo kampi ni yo kandi inteko za Israyeri zakozemwo ibitero ku musi w’Imana urangiye.

Uyu musi kandi, ishami ry’ishirahamwe ONU rijejwe gufasha Abanyapalestina, UNRWA, ryatangaje ko abantu barenga umuliyoni bahunze akarere ka Rafah mu kiringo c’indwi zitatu zirangiye. Ivyo vyabaye inyuma y’aho inteko za Israyeri zitanguye ibitero muri ako karere. Iryo shirahamwe ryatangaje ko abo Banyapalestina batagira aho bahungira hatekanye, Mu bibanza bahungiramwo, ntibaronka ibifungurwa n’amazi kandi babayeho mu buryo bubi cane. Ishirahamwe UNRWA ryavuze ko gufasha abo bantu bisa n’ibidashoboka.

Umutegetsi mukuru mw’ishirahamwe ONU ajejwe ibikorwa vyo gutabara, Martin Griffiths, ku musi wa mbere, yatangaje ko ibitero Israyeri yakoze ku musi w’Imana urangiye, bidashobora kwihangirwa. Mw’itangazo rye, Griffiths yaranebaguye insiguro yatanzwe n’umushikiranganji wa mbere wa Israyeri, Benjamin Netanyahu, ko ivyabaye mu karere ka Rafah ari ikosa ribabaje.

Griffiths yavuze ko kuvuga ko ivyabaye ku musi w’Imana ari ikosa ataco bivuze ku bishwe n’imiryango yabo iri mu mubabaro. Yatangaje ko ishirahamwe ONU ryagabishije ko ibikorwa vy’igisirikare ca Israyeri mu karere ka Rafh bishobora gutuma haba ubwicanyi bw’agahomerabunwa. Israyeri yoyo yatangaje ko yishe abategetsi bakomeye 2 b’umurwi Hamas mu gitero co ku musi w’Imana urangiye mu karere ka Rafah. (VOANEWS)

Ku Nshuro ya Mbere Burende z’Ingabo za Isirayeli Zageze Hagati mu Mujyi wa Rafah

Ku nshuro ya mbere, burende z’ingabo za Isirayeli zageze hagati mu mujyi wa Rafah kuri uyu wa kabiri nkuko ababibonye babitangaje. Nyuma y’ibyumweru bitatu by’isibaniro ry’intambara irwanirwa ku butaka muri uyu mujyi wo mu majyepfo y’intara ya Gaza, amahanga aramagana imfu z’abasivili bakomeje kuyigwamo.

Imodoka z’intambara zirimo burende n’izindi zihatse za mitralleuse, zagaragaye hafi y’umusigiti wa Al-Awda, umwe mu myanya ikomeye iranga umujyi wa Rafah, nkuko umwe mu babibonye yabyemereye ibiro ntaramakuru by’Abongereza, Reuters.

Abatuye mu mujyi wa Rafah baravuga kandi ko mu ijoro ryakeye ingabo za Isirayeli zarashe mu mujyi zikoresheje indege na za burende batitaye ku byavuzwe n’amahanga ku cyumweru yamagana intambara muri uyu mujyi.

Ibitero byo ku cyumweru byahitanye Abanyepalestina 45 harimo abana, abagore n’abasaza nyuma yuko ihema barimo rifashwe n’umuriro uturutse ku rusasu

Esipanye, Irelande na Noruveje, byari byatangaje ko uyu munsi biri bwemere leta yigenga ya Palestina ku mugaragaro. Ibyo bihugu bivuga ko byizeye ko icyemezo byafashe kizihutisha inzira yo guhagarika intambara hagati y’ingabo za Isirayeli n’abarwanyi b’umutwe wa Hamasi ubu imaze amezi umunani ruhinanye.

Agace kanini k’iyi ntara kari gatuwe n’abantu benshi ubu kahinduwe umusaka n’iyi ntambara. Abaturage bo mu mujyi wa Rafah baravuga ko mu kirorero cya Tel Al-Sultan aho amahema n’ubwugamo byatwitswe ku cyumweru mu gihe imiryango ihatuye yiteguraga kuryama, nubu hagisukwa urusasu n’ingabo za Isirayeli. (Reuters)

Voma ibindi

XS
SM
MD
LG