Uko wahagera

Ibitero vy'Indege z'Ingwano za Israyeri Vyahitanye Abagera kuri 10 bo mu ntara ya Gaza 


Abajejwe amagara y’abantu b'Abanyapalestina, kuri uyu wa kane, batangaje ko abantu batari musi ya 10 bapfuye, abandi 15 bakomeretse mu bitero vy’indege z’ingwano za Israyeri mu ntara ya Gaza.

Igitero c’indege y’ingwano ya Israyeri casambuye ikambi y’amahema irimwo imiryango yavuye mu vyabo mu gice citwa al-Mawasi, kiri mu burengero bw’igisagara ca Khan Younis.

Abategetsi b’Abanyapalestina batangaje ko mu bapfuye harimwo umutegetsi mukuru w’igipolisi mu ntara ya Gaza, Mahmoud Salah n’umufasha wiwe, Hussam Shahwan.

Israyeri, ku musi wa gatatu, yaragabishije ko izokwongereza ibitero vyayo ikoresheje indege z’ingwano ku murwi Hamas, n'iyo uwo murwi wabandanya kugumya abo wagize imbohe mu gitero wakoze ku butaka bwayo mu kwezi kw’icumi mu mwaka w’i 2023.

Israyeri yatangaje kandi ko izokwongereza ibitero vyayo n'iyo umurwi Hamas watera za rokete ku butaka bwayo.

Umushikiranganji ajejwe kwivuna abansi wa Israyeri, Israel Katz, yatangaje ko ashaka kurungikira ubutumwa butomoye abo yise abakora iterabwoba mu ntara ya Gaza.

Reta Zunze Ubumwe za Amerika, Ubwongereza, ishirahamwe ry’Ubumwe bw’Ubulaya n’abandi bagenye Hamas nk’umurwi ukora iterabwoba. (VOANEWS)

Forum

XS
SM
MD
LG