Uko wahagera

ONU mu Nama yo Kwihweza Umutekano wa Rafah


Urwego rwa ONU rujejwe kwubahiriza amahoro n'umutekano kw'isi, kuri uyu wa kabiri, rwatunganije inama yo kwihweza ukuntu ibintu vyifashe mu gisagara ca Rafah. Ni inyuma y'uko ibitero vy'indege z'ingwano za Israyeri bihitanye Abanyapalestina 45 bari mw'ikambi y'impunzi, vyongera bikomeretsa abandi 200.

Imbere y’uko abagize urwego rwa ONU rujejwe amahoro n’umutekano kw’isi bahura, abajejwe ubuvuzi n’ababa mu karere ka Rafah, batangaje ko ibindi bitero vy’indege z’ingwano za Israyeri vyabaye kuri uyu wa kabiri mw’ikambi irimwo Abanyapalentina. Iyo kampi ni yo kandi inteko za Israyeri zakozemwo ibitero ku musi w’Imana urangiye.

Uyu musi kandi, ishami ry’ishirahamwe ONU rijejwe gufasha Abanyapalestina, UNRWA, ryatangaje ko abantu barenga umuliyoni bahunze akarere ka Rafah mu kiringo c’indwi zitatu zirangiye. Ivyo vyabaye inyuma y’aho inteko za Israyeri zitanguye ibitero muri ako karere. Iryo shirahamwe ryatangaje ko abo Banyapalestina batagira aho bahungira hatekanye, Mu bibanza bahungiramwo, ntibaronka ibifungurwa n’amazi kandi babayeho mu buryo bubi cane. Ishirahamwe UNRWA ryavuze ko gufasha abo bantu bisa n’ibidashoboka.

Umutegetsi mukuru mw’ishirahamwe ONU ajejwe ibikorwa vyo gutabara, Martin Griffiths, ku musi wa mbere, yatangaje ko ibitero Israyeri yakoze ku musi w’Imana urangiye, bidashobora kwihangirwa. Mw’itangazo rye, Griffiths yaranebaguye insiguro yatanzwe n’umushikiranganji wa mbere wa Israyeri, Benjamin Netanyahu, ko ivyabaye mu karere ka Rafah ari ikosa ribabaje.

Griffiths yavuze ko kuvuga ko ivyabaye ku musi w’Imana ari ikosa ataco bivuze ku bishwe n’imiryango yabo iri mu mubabaro. Yatangaje ko ishirahamwe ONU ryagabishije ko ibikorwa vy’igisirikare ca Israyeri mu karere ka Rafh bishobora gutuma haba ubwicanyi bw’agahomerabunwa. Israyeri yoyo yatangaje ko yishe abategetsi bakomeye 2 b’umurwi Hamas mu gitero co ku musi w’Imana urangiye mu karere ka Rafah. (VOANEWS)

Forum

XS
SM
MD
LG