Amakuru yerekeye iperereza abayatanze batamenyekanye, yamenyesheje ko nkuko vyagenze, mu gitero c’indege z’ingwano cabaye mu gitondo, c’ejo ku musi w’Imana, Israel yarondeye missile Fatah-110, zaringitswe zivuye, mu gihugu ca Irani
Umurwi w’abarwanyi bakorana n’umurwi al-Qaida, al-Shabab, wariyitiriye ico gitero cabaye, ejo ku musi w’Imana, ku murwa mukuru, Mogadisho.
Ivyavuye mu matora vyo mu ntango, vyerekana kw’urunani rw’umushikiranganji wa mbere, Najib Razak, rwatsindiye ibibanza 112, ku bibanza amajana abiri na mirongo ibiri na bibiri, mu nama nshingamateka
Ayo matati yerekeye amazing azwi mu Buyapani kw’izina rya Northern Territories, mu gihe mu Burusiya azwi kw’izina rya Kurils.
Ibinyamakuru, Radiyo na Televiziyo vya Reta, vyatangaje kw’ico gitero ca bombe cabaye, ejo ku musi wa mbere, mu gice ca Mazzeh, mu gice co mu burengero bw’umurwa mukuru, Damas,
Iryo tohoza ryagizwe n’ikigo, Pew Research Center, ryasanze ibice mirongo itandatu kw’ijana vy’Abanya Mexique babona neza Reta Zunze Ubumwe za Amerika.
Umuvugizi w’umurwi Justice and Equality Movement, yatangaje kw’igitero mu gisagara ca Um Rawaba kiri mu mugambi w’uwo murwi w’ugutembagaza Reta ya Sudani.
Ico kibanza casenyutse carimwo amahinguriro atanu y’impuzu. Nyen’ico kibanza yaramenyekanye , yamara abategetsi ntibaramenya aho ari.
Maliki yatangaje ejo ku musi wa gatandatu kw’ubwicanyi bufatiye kw’idini bushobora gukwiragira buvuye mu gihugu kimwe bukaja mu kindi.
Ikigo ca Amerika gikwirikirana ibinyamugigima, catangaje, ejo ku musi wa kabiri, kw’ikinyamugigima ,co ku musi wa kabiri, cari gifise inguvu ziri ku rugero rw’indwi n’ibice umunani
Nta nkuru ku mpamvu, canke uwoba yagize ico gitero, abategetsi bakaba batangaje kw’atawiyitiriye buno nyene ico gitero
John Kerry yatangaje ko we na mugenziwe w’Ubushinwa, Yang Jeichi, bumvikanye ko gukuraho ibigwanisho, mu kigobe ca Korea, ari ikintu gihamabaye cane, ku mutekano mu karere no mu makungu.
Umushikiranganjai wa mbere, Salam Fayyad, yaremeye kubandanya amabanga yiwe vy’agateganyo, gushika Reta nshasha ishizweho
Ukwiyamamariza ayo matora vyaranzwe n’amajambo akomeye, n’ibitutsi hagati y’abahiganwa.
Umuvugizi w’ubushikiranganji bujejwe kwivuna abansi, George Little, yatangaje ko bitoba ari ivy’ukuri, kuvuga kw’igihugu ca Korea ya ruguru, cagerageje, canke catunganije, canke cerekanye ubushobozi bwa nucleaire
Itangazo ryavuye mu biro vya prezida wa Malawi, ejo ku musi wa kane, ryamenyesheje ko Madonna ashaka kw’igihugu ca Malawi kizoguma mu migozi y’ugutegerezwa kuguma gishima, ko yemeye kurera abana b’Abanya Malawi babiri.
Diango Cissoko, yarabonanye n’abategetsi bo muri ico gice, n’inteko z’igihugu ca Mali, mu rugendo rwiwe, rw’ejo ku musi wa kane
Ellison yaragabishije ko, kubera kwinjiza iyo mikangara, kenshi biba mu mpisho, ngo bishobora kuba bikibandanya
Iminuta mikeyi inyuma yuko iyo nkuru itangajwe, abanyagihugu basanzwe batanguye gushira amashirwe n’ubutumwa bw’umubabaro hanze y’inyubakwa yiwe mu gisagara ca Londres.
Prezida Obama yararungikiye Secreteri wa Departement ya Reta ya Amerika, John Kerry, ejo ku musi wa mbere, urwandiko ruvuga ko Somalia irekuriwe kuronka ibikoresho vy’ukwivuna umwansi.
Voma ibindi