Uko wahagera

Amerika n’Ubushinwa, Vyaremeye Gutorera Inyishu Ibibazo Biri, mu Kigobe ca Korea


Reta Zunze Ubumwe za Amerika, n’Ubushinwa ,vyaremeye gukorera hamwe, kugira bitorere inyishu ibibazo biri, mu kigobe ca Korea, aho hari umwuka mubi ukomeye, inyuma yuko igihugu ca Korea ya ruguru kigabishije kugira ibitero bikoresheje ibigwanisho ruhonyanganda.

Inyuma y’ibiganiro, ejo ku musi wa gatandatu, I Beijing, Secreteri wa Departement ya Reta ya Amerika, John Kerry, n’umutegetsi ajejwe imigambi yo hanze, mu gihugu c'Ubushinwa,Yang Jeichi, batangaje ko bashigikiye umugambi w’ughukuraho ibigwanisho, mu kigobe ca Korea.

John Kerry, yatangaje ko we, na mugenziwe w’Ubushinwa, Yang Jeichi, bumvikanye ko gukuraho ibigwanisho, mu kigobe ca Korea, ari ikintu gihambaye cane, ku mutekano mu karere, no mu makungu.

Yang, yatangaje kw’Ubushinwa buzokorana na Amerika, n’ibindi bihugu, kugira bigire uruhara rukomeye, mu gusubira kunagura ibiganiro vy’impande zitandatu, ku mugambi w’igihugu ca Korea ya ruguru, werekeye ibigwanisho ruhonyanganda.

Imbere yaho, ejo ku musi wa gatandatu, John Kerry yaraganiye umugambi werekeye ibigwanisho ruhonyanganda, n’ibindi bibazo, na prezida w’igihugu c’Ubushinwa, Xi Jinping.

Kerry yabwiye Jinping kw’iki ari igihe gihambaye cane.
XS
SM
MD
LG