Uko wahagera

Abategetsi b’Ibihugu vy’Uburusiya n’Ubuyapani Baraganiye Amatati Yerekeye Ubutaka


Prezida w'Uburusiya, Vladimir Putin (R) ariko aramukanya n'umushikiranganji wa mbere w'Ubuyapani,Shinzo Abe mu rugendo rwiwe i Moscou, kw'italiki 29 z'ukwezi kwa kane, 2013.
Prezida w'Uburusiya, Vladimir Putin (R) ariko aramukanya n'umushikiranganji wa mbere w'Ubuyapani,Shinzo Abe mu rugendo rwiwe i Moscou, kw'italiki 29 z'ukwezi kwa kane, 2013.
Umushikiranganji wa mbere w’igihugu c’Ubuyapani, Shinzo Abe, na prezida w’igihugu c’Uburusiya, Vladimir Putin, barabonaniye I Moscou, ku murwa mukuru w’Uburusiya, ejo ku musi wa mbere, mu bwabaye ubwa mbere abo betegetsi babonana, mu kiringo c’imyaka cumi.

Barumvikanye, ku vyerekeye kwongereza utwigoro tw’ugutorera inyishu amatati yerekeye ubutaka, yatumye Ubuyapanzi n’Uburusiya bidashobora kutera igikumu, ku masezerano y’amahoro yarangije ingwano ya kabiri y’isi yose.

Ayo matati yerekeye amazinga azwi mu Buyapani kw’izina rya Northern Territories, mu gihe mu Burusiya azwi kw’izina rya Kurils, Uburusiya bwafashe mu misi ya nyuma y’ingwano ya kabiri y’isi yose.

Umushikiranganji wa mbere w’Ubuyapani, Shinzo Abe, na prezida w’Uburusiya, Vladimir Putin, barumvikanye kw’atari ibisanzwe kw’ibihugu vyabo bitateye igikumu, ku masezerano y’amahoro, mu kiringo c’imyaka itari mike, kuva ingwano ya kabiri y’isi yose irangiye.

Izo mpande zibiri zarateye kandi igikumu, ku masezerano yerekeye ubudandaji, imitahe, imico, ubuvuzi n’inkino.
XS
SM
MD
LG