Uko wahagera

Abanya Venezuela Baraza Gutora Prezida Mushasha, Uno Musi ku w’Imana


Abanya Venezuela bakikuje imodoka ziriko amasanamu y'Abanyepolitike bahiganwa amabanga y'umukuru w'igihugu muri Venezeual
Abanya Venezuela bakikuje imodoka ziriko amasanamu y'Abanyepolitike bahiganwa amabanga y'umukuru w'igihugu muri Venezeual
Abanya Venezuela baratora umukuru w’igihugu mushasha ,uno musi ku w’Imana, mu matora adasanzwe, y’uguhitamwo uwuzosubirira prezida Hugo Chavez, yitavye Imana.

Ukwiyamamariza ayo matora, vyaranzwe n’amajambo akomeye, n’ibitutsi hagati y’abahiganwa.

Prezida w’infatakibanza wa Venezuela, Nicholas Maduro, yinjiye mu matora y’uno musi ku w’Imana, ukuba imbere bikomeye kwiwe, mu vyatohojwe imbere y’amatora, kwagabanutse bikomeye.

Umukandida aserukira abatavuga rumwe na Reta, Henrique Captriles, yagirije Maduro na Reta ya Chavez, kw’ata kinini bakoze, kugira batorere inyishu ibibazo vyerekeye ubutunzi muri Venezuela, ukubura kw’ibifungurwa, n’ubugizi bwa nabi butera bwiyongera bikomeye, mu gihugu.

Maduro yavuze kw’azobandanya ivyo yise Revolution ya Chavez, abamushigikiye bavuga ko yakoresheje amatungo y’ibitoro, kugira akure abantu imiliyoni n’imiliyoni, mu bukene.

Hugo Chavez yitavye Imana, mu kwezi guheze, inyuma y’urugamba rw’imyaka ibiri, n’indwara ya cancer.
XS
SM
MD
LG