Uko wahagera

Igikorwac’Abarwanyi, muri Somalia, c’Ukwinjiza Imikangara y’Abasomali b’Abanyamerika, Kivurwa ko Cahagaze

Abarwanyi b'umurwi al-Shabab
Abarwanyi b'umurwi al-Shabab
Keith Ellison, umushingamateka, w’Umunyamerika, ava mu ntara ya Minnesota, yavuze kw’igikorwa c’abarwanyi b’Aba Islamu, c’ukwinjiza Abanya Somalia b’Abanyamerika, bakiri bato, bisa n’ivyahagaze, muri iyo ntara.

Keith Ellison, yabwiye, Ijwi rya Amerika, Service y’Igisomali, kw’ata ba Somali b’Abanyamerika, bakiri bato, baba mu ntara ya Minnesota, aherutse kwumva binjijwe, canke bagiye ,muri Somalia ,kurwana ,ku ruhande rw’imirwi y’abarwanyi b’Aba Islamu, nka al-Shabab.

Ellison, yaragabishije, ko kubera kwinjiza iyo mikangara, kenshi biba mu mpisho, ngo bishobora kuba, bikibandanya.

Yatangaje kw'ukudashobora kumenyera Imico, n’ivyiyumviro vya Amerika, bishobora kuba vyatumye, vyorohera imirwi y’iterabwoba, kwinjiza iyo mikangara y’Abasomali b’Abanyamerika.

Keith Ellison, yatangaje ko bikenewe kandi, kubona kw’abajejwe kwubahziriza amategeko, muri Amerika, babonwa ko bakorana n’Aba Somalia, bajejwe kugerera, muri Amerika.
This item is part of
XS
SM
MD
LG