Uko wahagera

Abantu Batanu Barapfunzwe mu Gihugu ca Bangladesh Bifatiye ku Kibanza Kirimwo Mahinguriro Casenyutse.


Abajejwe gutabara bariko barondera abafatiwe mu bisigarira vy'ikibanza kirimwo amahinguriro casenyutse mu gihugu ca Bangladesh
Abajejwe gutabara bariko barondera abafatiwe mu bisigarira vy'ikibanza kirimwo amahinguriro casenyutse mu gihugu ca Bangladesh
Igipolisi mu gihugu ca Bangladesh, CARAPFUNZE ABANTU BATANU KU BIJANYE N’ISENYUKA Ry’ikibanza kirimwo amahinguriro vyahitanye abantu amajana n’amajana.
Abategetsi batangaje ko bahagaritse nyen’ico kibanza ejo ku musi wa gatandatu, inyuma yuko abahinga babiri mu vy’ukwubaka bagize uruhara mu kurekurira ico kibanza gukora batawe mu nvuto.

Igipolisi carapfunze kandi abantu bategetsi babiri b’ico kibanza kirimwo amahinguriro.
Ico kibanza casenyutse carimwo amahinguriro atanu y’impuzu. Nyen’ico kibanza yaramenyekanye , yamara abategetsi ntibaramenya aho ari.

Abategetsi bavuga ko nyen’ico kibanza kirimwo amahinguriro ari umunyepolitike yitwa Mohammed Sohel Rana.

Igipolisi catangaje we n’abandi bategetsi b’ayo mahinguriro bihojeje igabishwa rtagizwe n’abategetsi ryasaba abantu kuva muri ico kibanza inyuma yuko abajejwe gusuzuma inyubakwa batoye imigaga mu nyubakwa zo muri ico kibanza ku musi kabiri.

Igitigiri c’abapfuye inyuma yuko ico kibanza gisenyutse kirenga amajana atatu na mirongo itanu mu gihe abajejwe gutabara bariko bakora bataruhuka mu kurondera abarokotse.

Abantu bagera kuri mirongo itatu baratabawe ejo ku musi wa gatandatu, abakozi bakaba bariko bagerageza gushikira abandi bafatiwe mu bisigarira vy’ico kibanza c’amahinguiro.

Abantu barenga ibihumbi bine n’amajana aane baratabawe kuva ico kibanza gisenyutse.
Ica kabiri c’abo bantu canke abarenga barakomeretse.
XS
SM
MD
LG