Uko wahagera

Amabombe Abiri Yaturikiye, mu Gisagara ca Boston, Ahabera Ihiganwa rya Marathon, Yahitanye Abantu Babiri, Abandi Batari Bake Barakomereka


Prezida wa Amerika, Barack Obama ariko ashikiriza ijambo mu biro vyiwe Maison Blanche, inyuma yuko amabombe abiri aturikiye mu ikibanza kiberamwo ihiganwa rya marathon mu gisagara ca Boston.
Prezida wa Amerika, Barack Obama ariko ashikiriza ijambo mu biro vyiwe Maison Blanche, inyuma yuko amabombe abiri aturikiye mu ikibanza kiberamwo ihiganwa rya marathon mu gisagara ca Boston.
Abantu babiri canke barenga barapfuye, abandi barenga ijana barakomereka, inyuma yuko amabombe abiri yaturikiye hafi icarimwe hafi y’abarorerezi ku murongo w’ukurangirizako ihiganwa rya marathon rya Boston.

Nta nkuru ku mpamvu canke uwoba yagize ico gitero abategetsi bakaba batangaje kw’atawiyitiriye buno nyene ico gitero.

Prezida wa Amerika, Barack Obama yatangaje, kuri televiziyo ko Reta Zunze Ubumwe Za Amerika zitazi uwakoze ubwo bubisha n’impamvu, yamara yamenyesheje kw’uwariwe wese yagize uruhara muri ico gitero, azokubitwa intahe mu gahanga.

Amasanamu, kuri televiziyo, yerekanye abantu biruka mu mpande zose, amabarabara yuzuye ibisigarira vy’ivyasambuwe n’amabombe, n’amaraso, n’ivyononekaye, ku nyubakwa zira hafi y’ahaturikiye ayo mabombe.

Ay mabombe yaturitse hafi y’amasaha abiri, inyuma yuko aba mbere mw’ihiganwa rya marathon, ryarimwo abantu barenga iihumbi mirongo ibiri na bitatu, barenganye umurongo w’ukurangizako iryo higanwa.

Abagize uruhara muri iryo higanwa bagera ku bihumbi cumi n’indwi n’amajana atandatu barangije, imbere yuko ayo mabombe aturika.

Iryo higanwa ryarahagaritswe, inyuma yuko ayo mabombe aturitse.

Boston n’igisagara gikomeye kiri, mu buraruko bushira ubuseruko bwa Reta Zunze Ubumwe za Amerika.

Ihiganwa rya marathon, n’ihiganwa rikomeye ico gisagara cakira uko umwaka utashe. Iryo higanwa rihuza abirutsi na’barorerezi bava mu bice bitandukanye vyo kw’isi.
XS
SM
MD
LG