Abarwanya ubutegetsi bmu ntara y’igihugu ca Sudani yasinzikajwe n’ingwano ya Darfur, barateye igisagara kiri mu ntara ihana urubine na’intara ya Darfur ya Kordofani yo mu buraruko ejo ku musi wa gatandatu, mu vyatumye ingwano yegera umurwa mukuru wa Sudani, Khartoum.
Umuvugizi w’umurwi Justice and Equality Movement, yatangaje kw’ico gitero mu gisagara ca Um Rawaba kiri mu mugambi w’uwo murwi w’ugutembagaza Reta ya Sudani.
Um Rawaba n’ico gisagara kigira kabiri mu bunini mu ntara ya Kordofan yo mu buraruko.
Nta bikorwa vy’abarwanya ubutegetsi vyabera mu ntara ya Kordofani yo mu buraruko nkuko ibintu bimeze mu ntara ya Darfur na Kordofani yo mu bumanuko.
Yamara ababa mu gisagara ca Um Rawaba batangaje kw’abarwanya ubutegetsi basahuye isoko ejo ku musi wa gatandatu inyuma yuko binjiye muri ico gisagara mu modoka mirongo ibiri canke zirenga.
Igisirikare ca Suda ni cahiriza abarwanya ubutegetsi ko basambuye umunara werekeye ivy’uguhanahana amakuru, ikibanza gitanga umuyagankuba, na station ya essence.
Umurwi, Justice and Equality Movement uri mu runani rw’abarwanya ubutegetsi bava mu ntara za Kordofan yo mu bumanuko na Blue Nile zihana urubibe na Sudani yo mu bumanuko.
N’umwe mu mirwi ibiri ikomeye yatanguje umugumuko w’ugutembagaza Reta ya Prezida w’igihugu ca Sudani, Omara al-Bashir mu mwaka w’2003.