Uko wahagera

Abanya Mexique Bariko Batera Babona Neza Amerika Kurushiriza, Mu Gihe Prezida Obama Ariko Yitegurira Kuja Muri Mexique, muri Iyi Ndwi.


Prezida wa Amerika, Barack Obama
Prezida wa Amerika, Barack Obama
Mu gihe Prezida wa Amerika, Barack Obama, ariko ategura urugendo, mu gihugu ca Mexique, muri iyi ndwi, itohozwa rishasha ryemekana kw’Abanya Mexique batera banona neza kurushiriza Reta Zunze Ubumwe za Amerika.

Iryo tohoza ryagizwe n’ikigo, Pew Research Center, ryasanze ibice mirongo itandatu kw’ijana vy’Abanya Mexique babona neza Reta Zunze Ubumwe za Amerika.

Ico gitigiri kikaba ciyongeye mu kuva ku bice mirongo itanu na bitandatu kw’ijana, haraheze umwaka, ico gitigiri kikaba kiri hejuru cane kurusha mu mwaka w’2010, aho igitigiri c’Abanya Mexique babona neza Amerika bari ibice mirongo ine na bine gusa kw’ijana.

Ku kibazo cerekeye abaje kugerera msuri Amerika, iryo tohoza ryasanze Abanya Mexique bigabuyemwo kubiri, ku vyuko nimba kwimukira muri Amerika ari ikintu ciza, canke ari bibi, ku gihugu ca Mexique. Ibice mirongo ine na bine kw’ijana bavuga kw’ari ikintu ciza kuri Mexique, mu gihe abandi bangana nkuko bavuga kw’ari bibi.

Abanya Mexique barenga ibice mirongo itandatu kw’ijana bavuga batokwimukira muri Amerika naho boronka akaryo k’ukubigira, mu gihe ibice mirongo itatu na bitanu kw’ijana bavuga ko bukwimukira muri Amerika hamwe boshobora kubigira.

Abanya Mexique barenga imiliyoni cumi n’umwe baba muri Reta Zunze Ubumwe Za Amerika, harimwo abagera ku miliyoni zitandatu bari muri Amerika ,mu buryo buciye kubiri n’amategeko.
XS
SM
MD
LG