Uko wahagera

Reta y’Igihugu ca Malawi, Yaranebaguye Madonna, ku Bijanye n’Ibikorwa Vyiwe vy’Ugutabara, Muri Ico Gihugu


Madonna ariko agendera abana b'abanyeshule ahitwa Chorwe, muri Malawi, kw'italiki zitatu z'ukwezi kwa kane mu mwaka w'2013.
Madonna ariko agendera abana b'abanyeshule ahitwa Chorwe, muri Malawi, kw'italiki zitatu z'ukwezi kwa kane mu mwaka w'2013.
Reta y’igihugu ca Malawi, yagirije umuririmvyikazi rurangiranwa, Madonna, kw’avuga mu buryo burengeye uko ibintu biri mu vyukuri, ku bijanye n’ibikorwa vyiwe vy’ugufasha muri Malawi, kandi ko yasavye gufatwa mu buryo budasanzwe, igihe yagendera Malawi, mu ndwi iheze.

Itangazo ryavuye mu biro vya prezida wa Malawi, ejo ku musi wa kane, ryamenyesheje ko Madonna ashaka kw’igihugu ca Malawi kizoguma mu migozi y’ugutegerezwa kuguma gishima, ko yemeye kurera abana b’Abanya Malawi babiri.

Iryo tangazo rimenyesha ko Madonna akwiriye kwiga uburyo bw’ukuvuga ukuri, ku bijanye n’ibikorwa vyiwe vy’ugufasha, muri Malawi.

Iryo tangazo rivuga ko Madonna yatanze intererano gusa, mu kwubaka ama salles abana bigiramwo, kw’ata shule na rimwe yubatse, muri Malawi nkuko abivuga.

Madonna yatangaje kw’ababajwe nuko prezida waa Malawi, Joyce Banda, yahisemwo gusohora ibinyoma, kuvyo ishirahamwe rijejwe gufasha ryiwe ryaranguye, n’ukugene yifashe igihe yari, muri Malawi.

Modonna avuga kw’ukutumvikana kwavuye kw’iyirukanwa ry’umupfasoni avukana na prezida Banda, Anjimile Oponyo, yigeze kuyobora ishirahamwe rijejwe gufasha ryiwe.

Oponyo yarirukanywe inyuma y’ivyagirizo vyuko yasesanguye imiliyoni zitatu n’ibihumbi amajana umunani vy’amadolari, vy’amafranga y’ishirahamwe rijejwe gufasha rya Madonna.

Oponyo ariko yitwarira iryo shirahamwe, kubera avuga ko ryamwirukanye, mu makosa.
XS
SM
MD
LG