Margaret Thatcher, yahoze ari umushikiranganji wa mbere w’igihugu c’Ubwongereza, yaritavye Imana, ejo ku musi wa mbere, afise imyaka mirongo umunani n’indwi, ahitanywe n’ugupfa kw’ama cellules yiwe yo mu bwonko, kubera ukubura oxygene.
Umuvugizi w’umuryango wa wiwe, Lord Tim Bell, yavuze ko Margaret Thatcher, yitavye Imana, ku musi wa mbere, mu gitondo.
Iminuta mikeyi inyuma yuko iyo nkuru itangajwe, abanyagihugu basanzwe batanguye gushira amashirwe ,n’ubutumwa bw’umubabaro, hanze y’inyubakwa yiwe, mu gisagara ca Londres.
Umushikiranganji wa mbere w’Ubwongereza, David Cameron, yaragabanije urugendo yarimwo, mu gihugu ca Espagne, inyuma y’iyo nkuru.
Yatangaje, ejo ku musi wa mbere, kw’igihugu c’Ubwongereza kibuze umutegetsi akomeye cane.
Margaret Thacther, yayoboye umugambwe w’aba Conservateurs, ku ntsinzi zitatu z’amatora, kuva mu mwaka w’1979, n’umwaka w’1990.
Margaret Thatcher, yari umunyepolitike ashigikiye cane ivyiyumviro biranga imico ya kera y’Ubwongereza.
Yarayoboye Ubwongereza, mu ngwano mu mwaka w’1982, n’igihugu ca Argentine, ku vyerekeye amazing ya Falkland.
Yaragwanije bikomeye, ukuja hamwe kw’ibihugu vy’I Bulaya, akaba yagiranye imigenderanire idasanzwe, na prezida wa Amerika, Ronald Reagan, yafashije gutuma communism y’Aba Soviet isenyuka.