Uko wahagera

Umushikiranganji wa mbere w’Igihugu ca Mali, Yaragendeye Igisagara ca Gao


Umushikiranganji wa mbere w'igihugu ca Mali, Diango Cissoko agira uwa gatatu uvuye i bubanfu kuri iyi foto
Umushikiranganji wa mbere w'igihugu ca Mali, Diango Cissoko agira uwa gatatu uvuye i bubanfu kuri iyi foto
Umushikiranganji wa mbere w’infatakibanza w’igihugu ca Mali, Diango Cissoko, yaragendeye igisagara ca Gao, kiri mu buraruko bw’igihugu, urugendo rwa mbere, muri ico gice, rugizwe n’umutegetsi w’igihugu ca Mali, kuva ico gisagara gifashwe n’abarwanyi b’Aba Islamu, mu kwezi kwa gatatu, mu mwaka w’2012.

Diango Cissoko, yarabonanye n’abategetsi bo muri ico gice, n’inteko z’igihugu ca Mali, mu rugendo rwiwe, rw’ejo ku musi wa kane, akaba yarashimiye inteko z’igihugu c’Ubufransa zafashije gufata igisagara ca Gao, n’ibindi bisagara vyo mu buraruko bw’igihugu, mu ntango z’uyu mwaka, ibisagara vyari mu minwe y’Abarwanyi b’Aba Islamu.

Yasavye kandi Abafransa kuguma, mu gihugu ca Mali.

Ubufransa bufise imigambi y’ukugabanya igitigiri c’inteko zabwo, muri Mali mu kuva ku nteko ibihumbi bine zikagera ku nteko igihumbi, mu mpera z’umwaka.

Muri ico gihe, ishirahamwe riharanira agateka ka muntu, Human Rights Watch, ryatangaje kw’abagabo babiri, bo mu bwoko bw’Aba Tuareg, bafashwe bunyamaswa n’abasirikare ba Reta y’igihugu ca Mali, barasandabiye aho bari bapfungiwe.

Abo bantu babiri bari bafashwe, mu kwezi kwa kabiri, bagirizwa ko bafashije imirwi yitwaje ibirwanisho y’Aba Islamu.

Ishirahamwe, Human Rights Watch, ryasavye Reta nfatakibanza y’igihugu ca Mali, gutohoza urupfu rwabo.
XS
SM
MD
LG