Uko wahagera

Israel Yaragize Ibitero vy’Indege z’Ingwano, ku ma Missile y’Igihugu ca Irani, Muri Syria


IAmasanamu ku murwa mukuru wa Syria, Damas inyuma y'igitero c'indege z'ingwano z'igihugu ca Israel
IAmasanamu ku murwa mukuru wa Syria, Damas inyuma y'igitero c'indege z'ingwano z'igihugu ca Israel
Abategetsi bajejwe iperereza, mu karere k’abarabu ,batangaje kw’indege z’ingwano z’igihugu ca Israel zagize ibitero vy’amabombe, mu bibanza vya gisirikare, hanze y’umurwa mukuru, Damas, ejo ku musi w’Imana, mu bugira kabiri ,mu misi mikeyi irangiye, aho izo ndege zarondera misile zakorewe, mu gihugu ca Irani, zari zigiye kurungikirwa umurwi w’abarwanyi, Hezbollah, mu gihugu ca Libani.

Amakuru yerekeye iperereza abayatanze batamenyekanyeyamenyesheje konkuko vyagenze u gitero c’indege z’ingwano cabaye, mu gitondo c’ejo ku musi w’Imana, Israel yarondeye missile Fatah-110 zaringitswe zivuye mu gihugu ca Irani, zibikwa mu kibanza, ku kibuga c’indege mpuzamakungu, co ku murwa mukuru wa Syria, Damas, aho zari zigenewe umurwi Hezbollah, kugira uwo murwi uzikoreshek kuri Israel.

Reta y’igihugu ca Syria, yariyamirije ibitero vy’indege z’ingwano za Israel, ivuga ko vyagizwe, mu kibanza kijejwe ubushakashatsi, mu buraruko bw’umurwa mukuru, Damas.

Reta ya Syria yavuze kw’ibitero vy’igihugu ca Israel, vyari bigenewe gufata mu mugongo imirwi y’iterabwoba, iriko igerageza gutembagaza prezida wa Syria, Bashar al-Assad.

Ubushikiranganji bujejwe imigenderanire bw’igihugu ca Syria bwatangaje, ejo ku musi w’Imana, mw’ikete bwarungikiye urwego rw’ishirahamwe O-N-U rujejwe kwubahirtiza umutekano kw’isi, kw’agasomborotso k’igihugu ca Israel, vyahitanye vyongera bikomeretsa abantu batari bake, vyongera vyonona ibintu bitari bike.
.
XS
SM
MD
LG